Mu nyuma y’aho abatware ba Misiri baboneye ivyemezo vy’uko Yusufu ata na kimwe kimwagira, bafashe ingingo yuko ashirwa mw’ibohero ikiringo kanaka, ku kwanka gukoza ibara umuryango w’umushikirangoma wa Misiri;
Yusufu rero yahavuye ashirwa mw’ibohero ari kumwe n’iyindi misore ibiri. Umwe muri nya misore avuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona ndiko ndagana inzoga y’imizabibu”. Uwundi na we ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona nikoreye imikate, inyoni ziriko zirarya kuri nya mikate”. Ya misore imaze kwigana, yaciye ibwira Yusufu iti: “Turotorere rero indoto zacu! Mu vy’ukuri, tubona ko wewe uri mu bagwaneza”.
Ni ho Yusufu yishura nya misore ati: “Nta kibabeshaho muzoronka, kiretse ko nshobora kubabwira ico ari co imbere yuko kibashikira. Ukurotora rero kuri mu vyo nigishijwe n’Imana yanje Rurema Allah, jewe mu vy’ukuri nemera Imana Imwe Rudende Allah, naravavanuye n’idini ry’abatayemera, bakanahakana bivuye inyuma izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa;