Se yamwishuye ati: “Mwananje Yusufu! Iyi ndoto warose, ntuhirahire ngo uyiganire barumunawe kuko bohava bagusharika, maze bagakoresha urwenge mu kukurwanya, mu vy’ukuri shetani, ni umwansi agaragara kuri kiremwa-muntu;
Ni nk’uko nyene rero Imana yawe Rurema Allah - Yakweretse iyo ndoto - Igutora Ikakwigisha kurotorera abantu indoto babona, Igaheza Ikagukwiriza inema yo guhabwa ubutumwa, wewe hamwe n’uruvyaro rwa Yakubu; nk’uko Yakwirije iyo nema yo guhabwa ubutumwa ba so, ari bo Ibrahimu na Is-haka. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora".
Igihe benewabo kuri se bavugana hagati yabo bati: “Ni ukuri, Yusufu na murumunawe[3] barakundwa cane na data kuturusha kandi ari twebwe turi benshi. Mu vy’ukuri, data agira ikosa rigaragara;
Umwe muri bo yavuze ati: “Ntimuhirahire ngo mwice Yusufu, mwopfuma mumuta mu kinogo kirekire, akazotorwa na bamwe mu barengana nimwaba mushaka koko kumwikiza”.