Kilniojo Korano reikšmių vertimas - Vertimas į kirundi k. - Jusuf Ghahiti

Puslapio numeris:close

external-link copy
31 : 12

فَلَمَّا سَمِعَتۡ بِمَكۡرِهِنَّ أَرۡسَلَتۡ إِلَيۡهِنَّ وَأَعۡتَدَتۡ لَهُنَّ مُتَّكَـٔٗا وَءَاتَتۡ كُلَّ وَٰحِدَةٖ مِّنۡهُنَّ سِكِّينٗا وَقَالَتِ ٱخۡرُجۡ عَلَيۡهِنَّۖ فَلَمَّا رَأَيۡنَهُۥٓ أَكۡبَرۡنَهُۥ وَقَطَّعۡنَ أَيۡدِيَهُنَّ وَقُلۡنَ حَٰشَ لِلَّهِ مَا هَٰذَا بَشَرًا إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا مَلَكٞ كَرِيمٞ

Umugore w’umutware wa Misiri, amaze kwumva ukuntu ariko yandagazwa n’abagore bo mu gisagara, yahavuye abatumira iwe, abakirira ahari ubwugamo bubereye, abategurira n’imfungurwa, araheza aha imbugita umwe wese muri bo ngo bamufashe guhwata ivyo bakinjika. Ni ho rero yabwira Yusufu ati: “Sohoka”. Ba bagore bagize ngo bakubise ijisho Yusufu, bose baguye mu gahundwe ku kuntu yasa n’irirenga, batangura kwikomeretsa ku maboko batumva, baca bavuga batangara bati: “Emwegayee! Ubwiza burama! Ese ubwiza yahawe n’Imana Allah! Eka uyu muntu ntakomoka mu bwoko bw’abantu! Uyu muntu ku bwiza afise, ntashobora kuba kiretse ko ari intore y’umumalayika!”. info
التفاسير:

external-link copy
32 : 12

قَالَتۡ فَذَٰلِكُنَّ ٱلَّذِي لُمۡتُنَّنِي فِيهِۖ وَلَقَدۡ رَٰوَدتُّهُۥ عَن نَّفۡسِهِۦ فَٱسۡتَعۡصَمَۖ وَلَئِن لَّمۡ يَفۡعَلۡ مَآ ءَامُرُهُۥ لَيُسۡجَنَنَّ وَلَيَكُونٗا مِّنَ ٱلصَّٰغِرِينَ

Wa mugore w’umutware wa Misiri, amaze kubona ibishikiye ba bagore yatumira, yababwiye yiyeza ati: “Ivyo bibashikiye inyuma y’aho muboneye ubwiza bwa Yusufu, ni vyo nanje vyanshikiye, muntako imiragwe muranyandagaza. Ni ukuri, naragerageje kumwiha ndanamwinginga, ariko yaranyankiye. Hamwe n’ivyo rero, sindashirwa, ni ukuri natankorera ivyo ndamwipfuzako, ategerezwa gushirwa mw’ibohero, kandi ni ukuri azoba mu bantu basuzuguritse”. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 12

قَالَ رَبِّ ٱلسِّجۡنُ أَحَبُّ إِلَيَّ مِمَّا يَدۡعُونَنِيٓ إِلَيۡهِۖ وَإِلَّا تَصۡرِفۡ عَنِّي كَيۡدَهُنَّ أَصۡبُ إِلَيۡهِنَّ وَأَكُن مِّنَ ٱلۡجَٰهِلِينَ

Yusufu amaze kubona ko umugore w’umutware wa Misiri adahesha, yaratakamvye ati: “Mana yanje Rurema Allah! Notuma nshirwa mw’ibohero ha gukora ivyo banyipfuzako. Nutanshira kure y’imitego yabo, agatima karashobora gukubita nkaba mu bantu b’inshirasoni”. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 12

فَٱسۡتَجَابَ لَهُۥ رَبُّهُۥ فَصَرَفَ عَنۡهُ كَيۡدَهُنَّۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ

Imana Rurema Allah Yashotse Yumvira Yusufu, Imukurako imitego yabo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa n'ibiremwa n’ivyo bizirikana. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 12

ثُمَّ بَدَا لَهُم مِّنۢ بَعۡدِ مَا رَأَوُاْ ٱلۡأٓيَٰتِ لَيَسۡجُنُنَّهُۥ حَتَّىٰ حِينٖ

Mu nyuma y’aho abatware ba Misiri baboneye ivyemezo vy’uko Yusufu ata na kimwe kimwagira, bafashe ingingo yuko ashirwa mw’ibohero ikiringo kanaka, ku kwanka gukoza ibara umuryango w’umushikirangoma wa Misiri; info
التفاسير:

external-link copy
36 : 12

وَدَخَلَ مَعَهُ ٱلسِّجۡنَ فَتَيَانِۖ قَالَ أَحَدُهُمَآ إِنِّيٓ أَرَىٰنِيٓ أَعۡصِرُ خَمۡرٗاۖ وَقَالَ ٱلۡأٓخَرُ إِنِّيٓ أَرَىٰنِيٓ أَحۡمِلُ فَوۡقَ رَأۡسِي خُبۡزٗا تَأۡكُلُ ٱلطَّيۡرُ مِنۡهُۖ نَبِّئۡنَا بِتَأۡوِيلِهِۦٓۖ إِنَّا نَرَىٰكَ مِنَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Yusufu rero yahavuye ashirwa mw’ibohero ari kumwe n’iyindi misore ibiri. Umwe muri nya misore avuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona ndiko ndagana inzoga y’imizabibu”. Uwundi na we ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona nikoreye imikate, inyoni ziriko zirarya kuri nya mikate”. Ya misore imaze kwigana, yaciye ibwira Yusufu iti: “Turotorere rero indoto zacu! Mu vy’ukuri, tubona ko wewe uri mu bagwaneza”. info
التفاسير:

external-link copy
37 : 12

قَالَ لَا يَأۡتِيكُمَا طَعَامٞ تُرۡزَقَانِهِۦٓ إِلَّا نَبَّأۡتُكُمَا بِتَأۡوِيلِهِۦ قَبۡلَ أَن يَأۡتِيَكُمَاۚ ذَٰلِكُمَا مِمَّا عَلَّمَنِي رَبِّيٓۚ إِنِّي تَرَكۡتُ مِلَّةَ قَوۡمٖ لَّا يُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَهُم بِٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ كَٰفِرُونَ

Ni ho Yusufu yishura nya misore ati: “Nta kibabeshaho muzoronka, kiretse ko nshobora kubabwira ico ari co imbere yuko kibashikira. Ukurotora rero kuri mu vyo nigishijwe n’Imana yanje Rurema Allah, jewe mu vy’ukuri nemera Imana Imwe Rudende Allah, naravavanuye n’idini ry’abatayemera, bakanahakana bivuye inyuma izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa; info
التفاسير: