Ntumwa y’Imana! Abo babangikanyamana nivyabananira bakanareka kubumvira mu vyo mubararikiramwo wewe n’abemeramana, muramenya rero ko Qor’ani yamanuwe n’Imana Allah ku bumenyi bwayo, mumenye kandi ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo. Mbega none, inyuma y'ivyo vyose ntimwoshishikara muri abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah!
Abo ni bo rero ata co bategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kiretse umuriro wa Jahannamu; ivyo bakoze kw’isi bizobabera impfagusa, ntibizokwemerwa namba kuko bitakozwe ku bw’Imana Allah.
Mbega burya, uwemera Imana Allah, yofatwa co kimwe gute n’uwitwararika gusa ubuzima bw’isi n’ibihendamaso vyayo, mu gihe umwemeramana akora yisunze icemezo c’ukuri kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah, akanararikira abandi kwemera yisunze icemezo cahishuwe muri Qor’ani, maze nya cemezo kigaherekezwa n’ikindi cemezo[4] cerekana ko Qor’ani, iva ku Mana Allah, hakaba rero n’ikindi cemezo ca Tawurati yamanuriwe Musa imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, kugira ibere abayemeye uburongozi n’impuhwe! Abo bemera muri ubwo buryo rero, ni bo bemera koko Qor’ani bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. Uwugararije Qor’ani mu migwi yiyunze mu kurwaniriza hamwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amenye ko isango ry’ibihano vyiwe ari mu muriro, ata gisivya. Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko Qor’ani iva ku Mana Allah, uheze umenye ko idini ry’ubwislamu ari kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ariko rero abenshi mu bantu ntibemera ngo bubahirize ivyo bategetswe.
Ababuragiza abantu gukurikira inzira y’Imana Allah, bagashaka ko nya nzira igorama ku vyipfuzo vyabo, kandi bagahakana bivuye inyuma ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa;