Swalehe yabishuye avuga ati: “Bantu banje narungitsweko! Mbega mubona gute hamwe noba ndi mu kuri kuvuye ku Mana yanje Rurema Allah, Ikampa n’ubutumwa ku mpuhwe zayo, ni nde muri mwebwe yontabara akankurako ibihano vyayo, mu gihe noreka gushikiriza ubutumwa! Ni igiki mwonyongerereza atari agahombo k’ubuhuvyi;
Ni ho rero bahakana bivuye inyuma, basimbira kuri nya ngamiya barayica imitsi, barayibaga. Swalehe aca ababwira ati: “Nimuryoherwe mwidagadure mu zanyu mu kiringo c’imisi itatu itarenga, inyuma y’aho nimwitege ibihano bigiye gushika, iryo ni isezerano ry’Imana Allah ntabanduka, ritabeshuzwa”.
Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana Bene Thamuudi ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu, Swalehe n’abemeramana bari kumwe, Twaranabateturuye kuri uyo musi w’ibihano. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa.
Ibrahimu amaze kubona ko zitihereza inzimano yazihaye, ntivyamunezereye namba ku mutima, maze bimutera ubwoba. Nya ntumwa zimaze kubona ko Ibrahimu yagize ubwoba mu kumuhumuriza zamubwiye ziti: “Ntugire ubwoba namba! Twebwe turi abamalayika, twarungitswe n’Imana Allah kuja guhonya abantu ba Luutwi”.
Aho, umukenyezi wiwe Sarah yari ahagaze haruguru, yaciye atwenga atangazwa n’ivyo yumvise, ni ho rero Twamuha inkuru nziza yashikirijwe n’abo bamalayika ko azokwibaruka umwana azokwitwa Is-haka, hanyuma Is-haka na we akazovyara umwana w’umwuzukuru azokwitwa Yakubu.