Prijevod značenja časnog Kur'ana - Prijevod na kinyarwanda jezik - Jusuf Gahiti

Broj stranice:close

external-link copy
13 : 11

أَمۡ يَقُولُونَ ٱفۡتَرَىٰهُۖ قُلۡ فَأۡتُواْ بِعَشۡرِ سُوَرٖ مِّثۡلِهِۦ مُفۡتَرَيَٰتٖ وَٱدۡعُواْ مَنِ ٱسۡتَطَعۡتُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero ababangikanyamana bavuga ko Muhamadi yarementanije Qor'ani! Bishure uti: “Nivyaba biri nk’uko mubivuga, enda rero nimuzane ibisomwa cumi birementanije nka Qor’ani nk’uko mubivuga, munararikire n'abo mushoboye hatarimwo Imana Allah, mu bantu no mu majini kugira babafashe nimwaba koko muri imvugakuri ko Qor’ani ari irementanya". info
التفاسير:

external-link copy
14 : 11

فَإِلَّمۡ يَسۡتَجِيبُواْ لَكُمۡ فَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّمَآ أُنزِلَ بِعِلۡمِ ٱللَّهِ وَأَن لَّآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ فَهَلۡ أَنتُم مُّسۡلِمُونَ

Ntumwa y’Imana! Abo babangikanyamana nivyabananira bakanareka kubumvira mu vyo mubararikiramwo wewe n’abemeramana, muramenya rero ko Qor’ani yamanuwe n’Imana Allah ku bumenyi bwayo, mumenye kandi ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo. Mbega none, inyuma y'ivyo vyose ntimwoshishikara muri abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
15 : 11

مَن كَانَ يُرِيدُ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا وَزِينَتَهَا نُوَفِّ إِلَيۡهِمۡ أَعۡمَٰلَهُمۡ فِيهَا وَهُمۡ فِيهَا لَا يُبۡخَسُونَ

Muri mwebwe rero, abakora ku kurondera ubuzima bw’isi n’ibihendamaso vyayo, Tuzobahembera ibikorwa vyabo mu buzima bwo kw’isi nyene ata kigabanijweko; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 11

أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ لَيۡسَ لَهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ إِلَّا ٱلنَّارُۖ وَحَبِطَ مَا صَنَعُواْ فِيهَا وَبَٰطِلٞ مَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Abo ni bo rero ata co bategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kiretse umuriro wa Jahannamu; ivyo bakoze kw’isi bizobabera impfagusa, ntibizokwemerwa namba kuko bitakozwe ku bw’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
17 : 11

أَفَمَن كَانَ عَلَىٰ بَيِّنَةٖ مِّن رَّبِّهِۦ وَيَتۡلُوهُ شَاهِدٞ مِّنۡهُ وَمِن قَبۡلِهِۦ كِتَٰبُ مُوسَىٰٓ إِمَامٗا وَرَحۡمَةًۚ أُوْلَٰٓئِكَ يُؤۡمِنُونَ بِهِۦۚ وَمَن يَكۡفُرۡ بِهِۦ مِنَ ٱلۡأَحۡزَابِ فَٱلنَّارُ مَوۡعِدُهُۥۚ فَلَا تَكُ فِي مِرۡيَةٖ مِّنۡهُۚ إِنَّهُ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يُؤۡمِنُونَ

Mbega burya, uwemera Imana Allah, yofatwa co kimwe gute n’uwitwararika gusa ubuzima bw’isi n’ibihendamaso vyayo, mu gihe umwemeramana akora yisunze icemezo c’ukuri kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah, akanararikira abandi kwemera yisunze icemezo cahishuwe muri Qor’ani, maze nya cemezo kigaherekezwa n’ikindi cemezo[4] cerekana ko Qor’ani, iva ku Mana Allah, hakaba rero n’ikindi cemezo ca Tawurati yamanuriwe Musa imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, kugira ibere abayemeye uburongozi n’impuhwe! Abo bemera muri ubwo buryo rero, ni bo bemera koko Qor’ani bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. Uwugararije Qor’ani mu migwi yiyunze mu kurwaniriza hamwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amenye ko isango ry’ibihano vyiwe ari mu muriro, ata gisivya. Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko Qor’ani iva ku Mana Allah, uheze umenye ko idini ry’ubwislamu ari kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ariko rero abenshi mu bantu ntibemera ngo bubahirize ivyo bategetswe. info

[4] Icemezo kivugwa ng’aha, ni umumalayika Jibrili canke Intumwa Muhamadi (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).

التفاسير:

external-link copy
18 : 11

وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًاۚ أُوْلَٰٓئِكَ يُعۡرَضُونَ عَلَىٰ رَبِّهِمۡ وَيَقُولُ ٱلۡأَشۡهَٰدُ هَٰٓؤُلَآءِ ٱلَّذِينَ كَذَبُواْ عَلَىٰ رَبِّهِمۡۚ أَلَا لَعۡنَةُ ٱللَّهِ عَلَى ٱلظَّٰلِمِينَ

Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah. Abarementaniriza Imana Allah rero, bazoshengezwa ku Mana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, kugira Ibahembere ivyo bakoze; abamalayika, Intumwa, n’ibindi biremwa bazoba ivyabona, maze bavuge bati: “Aba, barementanirije Imana yabo Rurema Allah bakiri kw’isi, Imana Allah Yaramaze kubashavurira. Emwee! Abirenganije barakavumwa n’Imana Allah”; info
التفاسير:

external-link copy
19 : 11

ٱلَّذِينَ يَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَيَبۡغُونَهَا عِوَجٗا وَهُم بِٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ كَٰفِرُونَ

Ababuragiza abantu gukurikira inzira y’Imana Allah, bagashaka ko nya nzira igorama ku vyipfuzo vyabo, kandi bagahakana bivuye inyuma ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa; info
التفاسير: