የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ

የገፅ ቁጥር:close

external-link copy
59 : 17

وَمَا مَنَعَنَآ أَن نُّرۡسِلَ بِٱلۡأٓيَٰتِ إِلَّآ أَن كَذَّبَ بِهَا ٱلۡأَوَّلُونَۚ وَءَاتَيۡنَا ثَمُودَ ٱلنَّاقَةَ مُبۡصِرَةٗ فَظَلَمُواْ بِهَاۚ وَمَا نُرۡسِلُ بِٱلۡأٓيَٰتِ إِلَّا تَخۡوِيفٗا

Nta catumye Tutamanura ibitangaro vyasabwe n’ababangikanyamana, atari uko abo hambere y’abo Twabamanuriye nya bitangaro bakabihakana. Twarahaye Bene Thamuudi (barungikiwe Intumwa Swalehe) igitangaro gitomoye c’ingamiya, baraheza barirenganya bivuye inyuma mu guhakana nya gitangaro. Burya Twebwe Allah, ntitwigeze Turungikana Intumwa ibitangaro, atari ukugira ngo abantu batinye ibihano vyacu, baheze bikebuke. info
التفاسير:

external-link copy
60 : 17

وَإِذۡ قُلۡنَا لَكَ إِنَّ رَبَّكَ أَحَاطَ بِٱلنَّاسِۚ وَمَا جَعَلۡنَا ٱلرُّءۡيَا ٱلَّتِيٓ أَرَيۡنَٰكَ إِلَّا فِتۡنَةٗ لِّلنَّاسِ وَٱلشَّجَرَةَ ٱلۡمَلۡعُونَةَ فِي ٱلۡقُرۡءَانِۚ وَنُخَوِّفُهُمۡ فَمَا يَزِيدُهُمۡ إِلَّا طُغۡيَٰنٗا كَبِيرٗا

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Twakubwira Duti: “Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Yarahetuye abantu mu bumenyi n’ubushobozi vyayo. N’ivyo Twakweretse mu bitangaje vy’ibiremwa mu rugendo rw’ijoro no mu kuduzwa mw’ijuru, ukabibona ukuri kwamye, ntitwabigize atari ukugira ngo bibe igeragezwa ku bantu; gutyo hagaragare umwemeramana n’umugarariji. N’igiti citwa “Al-Zaqquum” cavumwe, kivugwa muri Qor’ani, na co nyene Twakigize igeragezwa ku bantu. Turanatera rero n’ubwoba ababangikanyamana mu kubarungukira ibihano n’ibitangaro bitandukanye, ariko hamwe n’ivyo vyose, nta na kimwe bibongerereza kiretse ukwimonogoza mu bugarariji”. info
التفاسير:

external-link copy
61 : 17

وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ قَالَ ءَأَسۡجُدُ لِمَنۡ خَلَقۡتَ طِينٗا

Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na “Ibilisi[359]” Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, abamalayika baraheza baragamburuka barubama kiretse Ibilisi yakomoka mu Majini, yaciye avuga ku bwishime n’akantu ati: “Vyoshoboka gute ko nubamira ikiremwa Waremye mw’ivu!”. info

[359] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu Majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu Majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).

التفاسير:

external-link copy
62 : 17

قَالَ أَرَءَيۡتَكَ هَٰذَا ٱلَّذِي كَرَّمۡتَ عَلَيَّ لَئِنۡ أَخَّرۡتَنِ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَأَحۡتَنِكَنَّ ذُرِّيَّتَهُۥٓ إِلَّا قَلِيلٗا

Ibilisi n’ubugarariji n’akantu yarubahutse abwira Imana Allah n’agahigihigi ati: “Urabona iki kiremwa Uteye iteka Ukacubahiriza kunsumba, niwampa kuramba gushika ku musi w’izuka, nta co ntazokora mu kurazwa ishinga no gukwiragiza ubwononyi no guhubisha uruvyaro rwaco uko nshoboye kwose, kiretse gusa bake muri rwo bazogutumbera mu vyo bakora”. info
التفاسير:

external-link copy
63 : 17

قَالَ ٱذۡهَبۡ فَمَن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ فَإِنَّ جَهَنَّمَ جَزَآؤُكُمۡ جَزَآءٗ مَّوۡفُورٗا

Imana Allah Yaciye Ibwira Ibilisi Iti: “Genda umaramarire hiyo! Uwuzogukurikira mu ruvyaro rwa Adamu akakwumvira, mu vy’ukuri igihano cawe hamwe n’abagukurikiye, kirabarindiriye mu muriro wa Jahannamu; info
التفاسير:

external-link copy
64 : 17

وَٱسۡتَفۡزِزۡ مَنِ ٱسۡتَطَعۡتَ مِنۡهُم بِصَوۡتِكَ وَأَجۡلِبۡ عَلَيۡهِم بِخَيۡلِكَ وَرَجِلِكَ وَشَارِكۡهُمۡ فِي ٱلۡأَمۡوَٰلِ وَٱلۡأَوۡلَٰدِ وَعِدۡهُمۡۚ وَمَا يَعِدُهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ إِلَّا غُرُورًا

Wewe genda wigarurire abo ushoboye bose muri nya ruvyaro, mu kubararikira ubuhuvyi n’ubwononyi, maze ugireko wegeranya ingabo zawe zose zishoboka, izigendera ku bitwazi n’izigenda n’amaguru, uheze wifadikanye na zo mu kunyengetera mu matungo yabo barondera, baheze bayakoreshe mu kuyatanga mu bizira, unyengetere no muri bo mu kubaryohereza ivyaha no kuvyara abana baciye mu busambanyi; ntugarukirize ng’aho, ahubwo niwongere ubahe isezerano ry’ikinyoma”. Burya shetani, ntiyigera itanga isezerano ry’ukuri, kiretse ko ari uruhendo gusa. info
التفاسير:

external-link copy
65 : 17

إِنَّ عِبَادِي لَيۡسَ لَكَ عَلَيۡهِمۡ سُلۡطَٰنٞۚ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ وَكِيلٗا

Mu vy’ukuri, abaja banje bantumbera mu vyo bakora, nta bubasha ubafiseko namba. Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah Irakwiye kuba Umuhagarikizi Akingira abantu inyoshambi n’uruhendo vya shetani. info
التفاسير:

external-link copy
66 : 17

رَّبُّكُمُ ٱلَّذِي يُزۡجِي لَكُمُ ٱلۡفُلۡكَ فِي ٱلۡبَحۡرِ لِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ كَانَ بِكُمۡ رَحِيمٗا

Bantu! Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Ituma ubwato bubatwara bugendera mw’ibahari, kugira murondere mu mpano zayo mu ruja n’uruza mu rudandazwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenimbabazi n’impuhwe ku biremwa vyayo; info
التفاسير: