የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ

የገፅ ቁጥር:close

external-link copy
105 : 17

وَبِٱلۡحَقِّ أَنزَلۡنَٰهُ وَبِٱلۡحَقِّ نَزَلَۗ وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ إِلَّا مُبَشِّرٗا وَنَذِيرٗا

Twebwe Allah, Twamanuriye Qor’ani vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira irarikire abantu kugamburukira Imana Allah, kandi Qor’ani yamanutse mu kuri ikingiwe, nta kizokwongerwamwo canke ngo gikurwemwo n’abantu. Ntumwa y’Imana! Ntitwanagutumye rero, kiretse ngo ube Intumwa ishikiriza inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha ibigaba ku bihano vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
106 : 17

وَقُرۡءَانٗا فَرَقۡنَٰهُ لِتَقۡرَأَهُۥ عَلَى ٱلنَّاسِ عَلَىٰ مُكۡثٖ وَنَزَّلۡنَٰهُ تَنزِيلٗا

Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani itomoye, itandukanya uburongozi n’ubuhuvyi, ukuri n’ikinyoma, kugira uyisomere abantu mu bwitonzi nta ngere; Twanayihishuye bukebuke Dufatiye ku vyagiye birashikira abantu no ku kuntu babayeho. info
التفاسير:

external-link copy
107 : 17

قُلۡ ءَامِنُواْ بِهِۦٓ أَوۡ لَا تُؤۡمِنُوٓاْۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ مِن قَبۡلِهِۦٓ إِذَا يُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ يَخِرُّونَۤ لِلۡأَذۡقَانِۤ سُجَّدٗاۤ

Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mwemera Qor’ani mutayemera, ukuyemera kwanyu nta co kuyongerereza, eka no kuyihakana kwanyu nta co kuyitwara”. Mu vy’ukuri, abamenyi batahuye ukuri kw’ihishurwa rya Qor’ani mu bahawe Ibitabu vyo hambere yayo, iyo basomewe Qor’ani, bashoka bubamika uruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
108 : 17

وَيَقُولُونَ سُبۡحَٰنَ رَبِّنَآ إِن كَانَ وَعۡدُ رَبِّنَا لَمَفۡعُولٗا

Maze bagaca bavuga bati: “Nihaninahazwe Imana yacu Rurema Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayitiranya bakayibangikanya, nta nkeka ko Isezerano ry’Imana yacu Rurema Allah ryo guhemba abemeramana n’iryo guhana abagarariji, ari iry’ukuri, ritegerezwa gushika”; info
التفاسير:

external-link copy
109 : 17

وَيَخِرُّونَ لِلۡأَذۡقَانِ يَبۡكُونَ وَيَزِيدُهُمۡ خُشُوعٗا۩

Bubamika uruhanga hasi rero bakorora amosozi ku kunyurwa n’inyigisho za Qor’ani, gutyo bakarushirizaho kwicisha bugufi ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
110 : 17

قُلِ ٱدۡعُواْ ٱللَّهَ أَوِ ٱدۡعُواْ ٱلرَّحۡمَٰنَۖ أَيّٗا مَّا تَدۡعُواْ فَلَهُ ٱلۡأَسۡمَآءُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ وَلَا تَجۡهَرۡ بِصَلَاتِكَ وَلَا تُخَافِتۡ بِهَا وَٱبۡتَغِ بَيۡنَ ذَٰلِكَ سَبِيلٗا

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana[364] uti: “Nimusabe muvuga muti: “Ewe Mana Allah!” canke muvuga muti: “Ewe Nyenimpuhwe!”, izina iryo ari ryo ryose mu mazina yayo mwosabisha, muzoba muriko musaba Imana Imwe Rudende, kuko Imana Allah amazina yayo yose Ifise, ni meza cane”. Ntumwa y’Imana! Mu gihe uriko urasenga, ntugasome Qor’ani mw’ijwi rinini cane ngo ababangikanyamana bakwumve, eka ntukanayisome wongorera gushika n’aho abo usengesha batakwumva, uraheza rero usome nya Qor’ani mw’ijwi rigereranye. info

[364] Ababangikanyamana banebagura Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ko mu gusaba Imana Allah, isaba ivuga iti: “YA ALLAAH! YA RAHMAAN!” (Ewe Mana Allah! Ewe Mana Nyenimpuhwe!), bakaba babona ko ari ugusaba imana nyinshi.

التفاسير:

external-link copy
111 : 17

وَقُلِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي لَمۡ يَتَّخِذۡ وَلَدٗا وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ شَرِيكٞ فِي ٱلۡمُلۡكِ وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ وَلِيّٞ مِّنَ ٱلذُّلِّۖ وَكَبِّرۡهُ تَكۡبِيرَۢا

Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah Itigeze Yigenera umwana, Itigeze Inagira na kimwe kibangikanijwe na Yo mu bumana bwayo, eka ntiyigeze Inagira umuhagarikizi mu biremwa kuko Yikwije kandi Yikenuye”; uraheza rero kandi uyikuze mu kuyisenga utayibangikanya, no mu kuyitumbera muri vyose, kuko ari Yo Nkuru Irengeye vyose”. info
التفاسير: