Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - 基隆迪语翻译:优素福·库合体

external-link copy
38 : 6

وَمَا مِن دَآبَّةٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا طَٰٓئِرٖ يَطِيرُ بِجَنَاحَيۡهِ إِلَّآ أُمَمٌ أَمۡثَالُكُمۚ مَّا فَرَّطۡنَا فِي ٱلۡكِتَٰبِ مِن شَيۡءٖۚ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ يُحۡشَرُونَ

Nta kiremwa na kimwe kigendagenda mw’isi, eka nta n’ikiguruka n’amababa mu kirere, kiretse ko vyose vyaremwe mu migwi hari ico bihuriyeko mu ndemo nkamwe. Burya nta na kimwe Twaretse ngo Twirengagize kucandika ku Rubaho rubungabunzwe “Lawhu Mahfuudhw”. Hanyuma ibiremwa vyose ku musi w’izuka, bizokwegeranirizwa hamwe ku Mana yavyo Rurema Allah, kugira Ihembe kimwe cose ku co cakoze. info
التفاسير: