Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - 基隆迪语翻译:优素福·库合体

Al-Furqaan

external-link copy
1 : 25

تَبَارَكَ ٱلَّذِي نَزَّلَ ٱلۡفُرۡقَانَ عَلَىٰ عَبۡدِهِۦ لِيَكُونَ لِلۡعَٰلَمِينَ نَذِيرًا

Harakubahwa Imana Allah Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Yo Yamanuriye Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira agabishe abantu n’amajini ku bihano vyayo. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 25

ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَمۡ يَتَّخِذۡ وَلَدٗا وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ شَرِيكٞ فِي ٱلۡمُلۡكِ وَخَلَقَ كُلَّ شَيۡءٖ فَقَدَّرَهُۥ تَقۡدِيرٗا

Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ntiyigeze namba Inigenera umwana, eka ntiyigeze Igira n’umubangikanyi mu nganji y’ubwami bwayo, Yaremye ikintu ico ari co cose mu buryo bukibereye, Iraheza Irakigerera n’ibigikwiye ata gahaze canke akanenge. info
التفاسير: