Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - 基隆迪语翻译:优素福·库合体

Số trang:close

external-link copy
154 : 2

وَلَا تَقُولُواْ لِمَن يُقۡتَلُ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ أَمۡوَٰتُۢۚ بَلۡ أَحۡيَآءٞ وَلَٰكِن لَّا تَشۡعُرُونَ

Bemeramana! Ntimukavuge ku bishwe baharanira idini ry’Imana Allah ko bahwereye! Ahubwo bo ni bazima mu buryo bagenewe n’Imana Allah mu mva zabo, ariko rero ntimwumva ukuntu babayeho[20]. info

[20] Ubuzima babayeho mu mva zabo, Imana Allah ni Yo gusa Izi ukuntu buteye. Iyi Aayah rero, iremeza ko mu mva hariyo amahirwe ku bantu b’aberanda.

التفاسير:

external-link copy
155 : 2

وَلَنَبۡلُوَنَّكُم بِشَيۡءٖ مِّنَ ٱلۡخَوۡفِ وَٱلۡجُوعِ وَنَقۡصٖ مِّنَ ٱلۡأَمۡوَٰلِ وَٱلۡأَنفُسِ وَٱلثَّمَرَٰتِۗ وَبَشِّرِ ٱلصَّٰبِرِينَ

Ni ukuri, Tuzobagerageza n’akantu gato mu kugira ubwoba, inzara (amapfa), no mu gukehanirwa n’amatungo canke kuyabura, mu kubura abanyu mu mpfu zisanzwe canke kwicwa mu guharanira idini ry’Imana Allah, mu kugabanuka canke kubura umwimbu mu biterwa mbumbarugo hamwe rero n’ivyamwa. Muvugishwamana! Shikiriza rero abihangana mu gihe c’ibiza n’amagorwa inkuru nziza ihumuriza ko bazohabwa iherezo ryiza mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, info
التفاسير:

external-link copy
156 : 2

ٱلَّذِينَ إِذَآ أَصَٰبَتۡهُم مُّصِيبَةٞ قَالُوٓاْ إِنَّا لِلَّهِ وَإِنَّآ إِلَيۡهِ رَٰجِعُونَ

Barya iyo bashikiwe n’ikiza baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi abaja b’Imana Allah, ni Yo Rugaba Itugaba Ikatuganza muri vyose, kandi mu vy’ukuri twebwe, tuzosubira kuri Yo nitwamara gupfa, duheze tuzuke Iduharurire, Iduhembere ivyo twakoze”. info
التفاسير:

external-link copy
157 : 2

أُوْلَٰٓئِكَ عَلَيۡهِمۡ صَلَوَٰتٞ مِّن رَّبِّهِمۡ وَرَحۡمَةٞۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُهۡتَدُونَ

Abo rero, ni bo bari mu mahoro n’impuhwe z’Imana yabo Rurema Allah. Abo ni na bo bagororotsi bari mu nzira y’ukuri ibaganisha ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
158 : 2

۞ إِنَّ ٱلصَّفَا وَٱلۡمَرۡوَةَ مِن شَعَآئِرِ ٱللَّهِۖ فَمَنۡ حَجَّ ٱلۡبَيۡتَ أَوِ ٱعۡتَمَرَ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡهِ أَن يَطَّوَّفَ بِهِمَاۚ وَمَن تَطَوَّعَ خَيۡرٗا فَإِنَّ ٱللَّهَ شَاكِرٌ عَلِيمٌ

Mu vy’ukuri, imisozi “Swafa” na “Mar-wa” iri amaja mu buseruko bwa Al-Ka’ba, ni mu bimenyetso vyo kwiyegereza ku Mana Allah. Uwuzoja gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka, nta caha kuri we kiri mu gukokera anyaragasa (sa’yi) hagati y’iyo misozi. Uwuzokwitanga ku bw’Imana Allah mu gukora ivyiza bidategetswe, mu vy’ukuri Imana Allah Irashima, Izobimuhembera, kandi Irazi ibikorwa vy’abaja bayo, nta we Izorenganya na gato. info
التفاسير:

external-link copy
159 : 2

إِنَّ ٱلَّذِينَ يَكۡتُمُونَ مَآ أَنزَلۡنَا مِنَ ٱلۡبَيِّنَٰتِ وَٱلۡهُدَىٰ مِنۢ بَعۡدِ مَا بَيَّنَّٰهُ لِلنَّاسِ فِي ٱلۡكِتَٰبِ أُوْلَٰٓئِكَ يَلۡعَنُهُمُ ٱللَّهُ وَيَلۡعَنُهُمُ ٱللَّٰعِنُونَ

Mu vy’ukuri, abanyegeza ivyo Twabamanuriye mu bimenyetso n’uburongozi, vyemeza ko ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari ukuri, inyuma y’aho Tubigaragarije abantu muri Tawurati n’Injili, abo ni bo bavumwe n’Imana Allah, banasabirwa imivumo n’ibiremwa vyose. info
التفاسير:

external-link copy
160 : 2

إِلَّا ٱلَّذِينَ تَابُواْ وَأَصۡلَحُواْ وَبَيَّنُواْ فَأُوْلَٰٓئِكَ أَتُوبُ عَلَيۡهِمۡ وَأَنَا ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ

Kiretse abagarutse ku Mana Allah bakigaya ivyaha vyabo, bagatunganya n’ivyo bononye, bakanagaragaza ukuri banyegeje, abo ni bo Jewe Allah Numvira, Nkabagirira ikigongwe, ni na Jewe rero Nyenukwumvirabigaya, Numvira abantakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni banje. info
التفاسير:

external-link copy
161 : 2

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَمَاتُواْ وَهُمۡ كُفَّارٌ أُوْلَٰٓئِكَ عَلَيۡهِمۡ لَعۡنَةُ ٱللَّهِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ وَٱلنَّاسِ أَجۡمَعِينَ

Mu vy’ukuri, abagararije bakananyegeza ukuri, bagaheza bagashishikara ukwo, bagarariza gushika gupfa, abo ni bo bakwiye imivumo y’Imana Allah, iy’abamalayika hamwe rero n’iy’abantu bose. info
التفاسير:

external-link copy
162 : 2

خَٰلِدِينَ فِيهَا لَا يُخَفَّفُ عَنۡهُمُ ٱلۡعَذَابُ وَلَا هُمۡ يُنظَرُونَ

Bazoguma muri nya mivumo nyene no mu muriro ibihe bidahera, ntibazotezurirwa na gato mu bihano ngo baruhuke, eka mbere bobo ntibazohabwa agahengwe ngo biregure ku vyaha bakoze. info
التفاسير:

external-link copy
163 : 2

وَإِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۖ لَّآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ ٱلرَّحۡمَٰنُ ٱلرَّحِيمُ

Bantu! Burya Imana Yanyu ni Imana Imwe Rudende Allah[21]. Nta yindi mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari Yo, ni Yo rero Nyenimpuhwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info

[21] Ni Imwe Rudende mu bumana bwayo, mu mazina n’amatazirano yayo, hamwe rero no mu bikorwa vyayo biyiranga ko Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende.

التفاسير: