Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - 基隆迪语翻译:优素福·库合体

Yuunus

external-link copy
1 : 10

الٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡحَكِيمِ

Alif Laam Raa[1]. Izi ni Aayah z’Igitabu gitunganye neza, catunganijwe n’Imana Allah Iraheza Iragitomorera ibiremwa. info

[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 10

أَكَانَ لِلنَّاسِ عَجَبًا أَنۡ أَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ رَجُلٖ مِّنۡهُمۡ أَنۡ أَنذِرِ ٱلنَّاسَ وَبَشِّرِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَنَّ لَهُمۡ قَدَمَ صِدۡقٍ عِندَ رَبِّهِمۡۗ قَالَ ٱلۡكَٰفِرُونَ إِنَّ هَٰذَا لَسَٰحِرٞ مُّبِينٌ

Mbega biratangaje ku bantu, kuba Twebwe Allah Twaramanuriye Qor’ani umwe muri bo, Tukamubwiriza Duti: “Bagabishe ku bihano vy’Imana Allah, unashikirize abemeye Imana Allah n’Intumwa, inkuru nziza ibahumuriza ko Imana yabo Rurema Allah, Yabategekanirije indishi nziza ku vyiza bakoze”! Igihe Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yashikiriza ivyo yahishuriwe, abagarariji barinamuye bavuga bati: “Mu vy’ukuri, uyu Muhamadi, ni ukuri ni umurozi yeruye”. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 10

إِنَّ رَبَّكُمُ ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ يُدَبِّرُ ٱلۡأَمۡرَۖ مَا مِن شَفِيعٍ إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ إِذۡنِهِۦۚ ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُوهُۚ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ

Bantu! Mu vy’ukuri, Imana yanyu Rurema ni Allah, Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose; ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, Itunganiriza ibiremwa ata na kimwe kivuyemwo. Nta musavyi azovugira uwundi ku musi w’izuka, kiretse inyuma yuko Imuhaye uburenganzira. Iyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, enda nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya. Ubwo ntimwokwibuka mukanyurwa na Aayah za Qor’ani! info
التفاسير:

external-link copy
4 : 10

إِلَيۡهِ مَرۡجِعُكُمۡ جَمِيعٗاۖ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقًّاۚ إِنَّهُۥ يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ بِٱلۡقِسۡطِۚ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَهُمۡ شَرَابٞ مِّنۡ حَمِيمٖ وَعَذَابٌ أَلِيمُۢ بِمَا كَانُواْ يَكۡفُرُونَ

Ni ku Mana yanyu Rurema Allah muzosubira mwese ku musi w’izuka. Iryo ni isango ry’ukuri ry’Imana Allah. Mu vy’ukuri, ni Yo Ishoboye kurema ibiremwa ata co Irinze gufatirako, Ishoboye no kubisubiza ubuzima n’indemo bikazuka inyuma yo gupfa, kugira Ihembe abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe indishi ikwiye. Nayo abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, barategekanirijwe ikinyobwa c’amazi asebuye akaryimara, abashishura mu maso, akanacagagura n’amara; barategekanirijwe n’ibihano bibabaza bitewe n'ubugarariji bwabo; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 10

هُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ ٱلشَّمۡسَ ضِيَآءٗ وَٱلۡقَمَرَ نُورٗا وَقَدَّرَهُۥ مَنَازِلَ لِتَعۡلَمُواْ عَدَدَ ٱلسِّنِينَ وَٱلۡحِسَابَۚ مَا خَلَقَ ٱللَّهُ ذَٰلِكَ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۚ يُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَعۡلَمُونَ

Ni Yo Yaremye izuba ryakaka, Irema n’ukwezi kubonesha, Iraheza Igenera ukwezi ibituro kugira mumenyere ku mboneko yakwo, igitigiri c’amezi n’imyaka; muheze mumenye n’imisi kw’iseruka ry’izuba. Ivyo vyose rero, Imana Allah ntiyabiremye kiretse mu ntumbero y’ukuri mu kugaragaza ubushobozi n'ububasha nta ngere n’ubumenyi vyayo. Burya Imana Allah Itomorera ivyemezo vy’ubushobozi bwayo abantu bazi ihangiro ryayo mu kurema. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 10

إِنَّ فِي ٱخۡتِلَٰفِ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَمَا خَلَقَ ٱللَّهُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَّقُونَ

Mu vy’ukuri, mw’ibisikanya n'ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango, no mu bitangaza Yaremye mu majuru no mw’isi, n’indinganizo iri hagati yavyo, mw’iremwa ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara ku bantu batinya bakiyubara ibihano vy'Imana Allah. info
التفاسير: