قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - کیرونڈی ترجمہ - یوسف گھیٹی

صفحہ نمبر:close

external-link copy
48 : 39

وَبَدَا لَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ

Bazobona kuri uwo musi w’iharurirwa ry’ibiremwa, indishi mbi y’ivyo bari bararondeye kw'isi, mu kwitirira Imana Allah ibitaberanye n’icubahiro cayo, bazonasagirizwa n’ibihano bibabaza ku vyo bahora bateburako. info
التفاسير:

external-link copy
49 : 39

فَإِذَا مَسَّ ٱلۡإِنسَٰنَ ضُرّٞ دَعَانَا ثُمَّ إِذَا خَوَّلۡنَٰهُ نِعۡمَةٗ مِّنَّا قَالَ إِنَّمَآ أُوتِيتُهُۥ عَلَىٰ عِلۡمِۭۚ بَلۡ هِيَ فِتۡنَةٞ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ

Iyo umuntu ashikiwe n’ivyago, aca atwitabaza Twebwe Allah ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; Twamara kubimukurako Tukamuha inema ivuye iwacu, agaheza akinamura avuga yihaya yihayagiza mu kugarariza Imana Allah, ati: “Ni ukuri ivyo naronkejwe, nabihawe kuko Imana Allah Izi ko ndabikwiye”. Ahubwo nyabuna, uguhabwa kw’abantu inema, ni ikigeragezo kuri bo kugira hamenyekane (ku vyo Imana Allah Isanzwe Izi), uwushimira Imana Allah n’uwuyigarariza; ariko rero abenshi muri bo ku bujuju bwabo, ntibazi ko bageragezwa ku nema bahawe n’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
50 : 39

قَدۡ قَالَهَا ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَمَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ

Ntumwa y’Imana! Ni ukuri imigwi y’abantu bagararije aho hambere y’abantu bawe, baravuze ijambo nk’iryo ryo kwihakana inema z’Imana Allah, maze bararihanirwa; ico gihe rero, ivyo begeranije mu matungo n’abana, nta co vyabamariye; info
التفاسير:

external-link copy
51 : 39

فَأَصَابَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْۚ وَٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡ هَٰٓؤُلَآءِ سَيُصِيبُهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْ وَمَا هُم بِمُعۡجِزِينَ

Kubera iryo jambo, ni ho rero bibonerako inkurikizi y’ivyo bakoze, maze barahanwa mu buzima bwo kw’isi. Ntumwa y’Imana! N’abirenganije rero mu kuvuga iryo jambo mu bantu bawe, bazokwibonerako inkurikizi y’ivyo bakoze maze bahanwe, kandi ntibazocaruka ngo bananire Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
52 : 39

أَوَلَمۡ يَعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ

Mbega ntibamenye, ko Imana Allah Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho kugira Imugerageze[7], Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo kugira Imugerageze; bidaturutse ku butoni bw’uriya canke ku bugaba bw’uyu[8]! Mu vy’ukuri muri iryo ronswa ry’umusesekara canke igererwa ry’ibibeshaho, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana bemera amabwirizwa y’Imana Allah bakanayashira mu ngiro, vyerekana ko ibeshwaho ry’ibiremwa ari ku mpuhwe n’ubugwaneza vy’Imana Allah. info

[7] Ko ashima inema z’Imana Allah akayisenga ari Imwe Rudende canke ko azihakana akayigarariza.
[8] ko yihangana akigumya, akabumbwa n’ivyo aronse canke ko ahababuka agata imiragwe ku Mana Allah no ku bantu.

التفاسير:

external-link copy
53 : 39

۞ قُلۡ يَٰعِبَادِيَ ٱلَّذِينَ أَسۡرَفُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ لَا تَقۡنَطُواْ مِن رَّحۡمَةِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَغۡفِرُ ٱلذُّنُوبَ جَمِيعًاۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ

Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje barendegeye mu vyaha uti: “Ntimukihebure ku bwinshi bw’ivyaha vyanyu, ko mutobabarirwa ku mpuhwe z’Imana Allah; mu vy’ukuri Imana Allah, Iragumya akabanga ku vyaha vy’uwigaye, Ikanabibabarira vyose; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”; info
التفاسير:

external-link copy
54 : 39

وَأَنِيبُوٓاْ إِلَىٰ رَبِّكُمۡ وَأَسۡلِمُواْ لَهُۥ مِن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَكُمُ ٱلۡعَذَابُ ثُمَّ لَا تُنصَرُونَ

Bantu! Enda nyabuna rero, nimugaruke ku Mana yanyu Rurema Allah maze mwigaye, muheze mwicishe bugufi kuri Yo imbere yuko mushikirwa n’ibihano vyayo, hanyuma ntimunaronke n’umwe abatabara; info
التفاسير:

external-link copy
55 : 39

وَٱتَّبِعُوٓاْ أَحۡسَنَ مَآ أُنزِلَ إِلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُم مِّن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَكُمُ ٱلۡعَذَابُ بَغۡتَةٗ وَأَنتُمۡ لَا تَشۡعُرُونَ

Muheze mukurikire n’ivyiza mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah muri Qor’ani, mubigendere mu kwubahiriza amabwirizwa yayo imbere yuko mushikirwa n’ibihano mutabizi; info
التفاسير:

external-link copy
56 : 39

أَن تَقُولَ نَفۡسٞ يَٰحَسۡرَتَىٰ عَلَىٰ مَا فَرَّطتُ فِي جَنۢبِ ٱللَّهِ وَإِن كُنتُ لَمِنَ ٱلسَّٰخِرِينَ

Maze umuntu akicuza avuga ati: “Ese agahombo nagize mu kutitwararika gukora ivyo nabwirijwe n’Imana Allah! Ni ukuri kw’isi, nari mu batebura kuri vyo, ku Ntumwa no ku bemeramana”; info
التفاسير: