Bazobona kuri uwo musi w’iharurirwa ry’ibiremwa, indishi mbi y’ivyo bari bararondeye kw'isi, mu kwitirira Imana Allah ibitaberanye n’icubahiro cayo, bazonasagirizwa n’ibihano bibabaza ku vyo bahora bateburako.
Iyo umuntu ashikiwe n’ivyago, aca atwitabaza Twebwe Allah ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; Twamara kubimukurako Tukamuha inema ivuye iwacu, agaheza akinamura avuga yihaya yihayagiza mu kugarariza Imana Allah, ati: “Ni ukuri ivyo naronkejwe, nabihawe kuko Imana Allah Izi ko ndabikwiye”. Ahubwo nyabuna, uguhabwa kw’abantu inema, ni ikigeragezo kuri bo kugira hamenyekane (ku vyo Imana Allah Isanzwe Izi), uwushimira Imana Allah n’uwuyigarariza; ariko rero abenshi muri bo ku bujuju bwabo, ntibazi ko bageragezwa ku nema bahawe n’Imana Allah;
Mbega ntibamenye, ko Imana Allah Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho kugira Imugerageze[7], Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo kugira Imugerageze; bidaturutse ku butoni bw’uriya canke ku bugaba bw’uyu[8]! Mu vy’ukuri muri iryo ronswa ry’umusesekara canke igererwa ry’ibibeshaho, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana bemera amabwirizwa y’Imana Allah bakanayashira mu ngiro, vyerekana ko ibeshwaho ry’ibiremwa ari ku mpuhwe n’ubugwaneza vy’Imana Allah.
[7] Ko ashima inema z’Imana Allah akayisenga ari Imwe Rudende canke ko azihakana akayigarariza. [8] ko yihangana akigumya, akabumbwa n’ivyo aronse canke ko ahababuka agata imiragwe ku Mana Allah no ku bantu.
Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje barendegeye mu vyaha uti: “Ntimukihebure ku bwinshi bw’ivyaha vyanyu, ko mutobabarirwa ku mpuhwe z’Imana Allah; mu vy’ukuri Imana Allah, Iragumya akabanga ku vyaha vy’uwigaye, Ikanabibabarira vyose; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”;
Bantu! Enda nyabuna rero, nimugaruke ku Mana yanyu Rurema Allah maze mwigaye, muheze mwicishe bugufi kuri Yo imbere yuko mushikirwa n’ibihano vyayo, hanyuma ntimunaronke n’umwe abatabara;
Maze umuntu akicuza avuga ati: “Ese agahombo nagize mu kutitwararika gukora ivyo nabwirijwe n’Imana Allah! Ni ukuri kw’isi, nari mu batebura kuri vyo, ku Ntumwa no ku bemeramana”;