แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - คำแปลภาษาคิรุนดี - โดยยูซุฟ ฆะฮีตี

external-link copy
180 : 3

وَلَا يَحۡسَبَنَّ ٱلَّذِينَ يَبۡخَلُونَ بِمَآ ءَاتَىٰهُمُ ٱللَّهُ مِن فَضۡلِهِۦ هُوَ خَيۡرٗا لَّهُمۖ بَلۡ هُوَ شَرّٞ لَّهُمۡۖ سَيُطَوَّقُونَ مَا بَخِلُواْ بِهِۦ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ وَلِلَّهِ مِيرَٰثُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ

Ingumyi zidatanga mu mpano Imana Allah Yazihaye, ntizikiyumvire ko ukwo kudatanga ari yo neza kuri zo, ahubwo ni inabi kuri zo. Amatungo zegeranije zikareka kuyatanga, zizoyambikwa mw’izosi yahindutse umuriro ku musi w’izuka. Burya rero Imana Allah ni Yo Mwami w’abami Ikaba na Samuragwa w’amajuru n’isi n’ibiri muri vyo igihe ibiremwa vyose bizoba vyahonye. Kandi ivyo mukora vyose rero Irabizi, ni Muhetuziwavyose, Izobibahembera. info
التفاسير: