แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - คำแปลภาษาคิรุนดี - โดยยูซุฟ ฆะฮีตี

หมายเลข​หน้า​:close

external-link copy
84 : 26

وَٱجۡعَل لِّي لِسَانَ صِدۡقٖ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ

Umpe no kuyagwa neza n’abantu mu bazokurikira gushika ku musi w’iherezo; info
التفاسير:

external-link copy
85 : 26

وَٱجۡعَلۡنِي مِن وَرَثَةِ جَنَّةِ ٱلنَّعِيمِ

Unshire no mu baja bawe Wageneye Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema; info
التفاسير:

external-link copy
86 : 26

وَٱغۡفِرۡ لِأَبِيٓ إِنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ

Urongore n’umuvyeyi wanje mu nzira yawe, maze Umugumirize akabanga, Umubabarire ivyaha vyiwe; mu vy’ukuri, yari mu bantu bahuvye[3]; info

[3] Iki gisabisho, Ibrahimu yagisabiye se kuko yari yamusezeraniye ko amusabira ku Mana Allah, hari imbere yuko se agaragariza Ibrahimu ko atarota avavanura n’igarariza hamwe n’ibangikanyamana gushika gupfa; ico gihe rero, Ibrahimu yaciye avavanura na se.

التفاسير:

external-link copy
87 : 26

وَلَا تُخۡزِنِي يَوۡمَ يُبۡعَثُونَ

Kandi ntuzontetereze umusi ibiremwa vyazutse kugira biharurirwe, maze bigahemberwa ivyo vyakoze; info
التفاسير:

external-link copy
88 : 26

يَوۡمَ لَا يَنفَعُ مَالٞ وَلَا بَنُونَ

Umusi amatungo n’ibibondo ata na kimwe bizomarira umuntu; info
التفاسير:

external-link copy
89 : 26

إِلَّا مَنۡ أَتَى ٱللَّهَ بِقَلۡبٖ سَلِيمٖ

Kiretse umuntu azoza ku Mana Allah arangwa n’umutima wejejwe ubugarariji n’uburyarya”. info
التفاسير:

external-link copy
90 : 26

وَأُزۡلِفَتِ ٱلۡجَنَّةُ لِلۡمُتَّقِينَ

Kuri nya musi rero, Ubwami bw’ijuru buzokwegerezwa abagamburukiramana; info
التفاسير:

external-link copy
91 : 26

وَبُرِّزَتِ ٱلۡجَحِيمُ لِلۡغَاوِينَ

Umuriro ururumba na wo, ushirirwe ahabona abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo; info
التفاسير:

external-link copy
92 : 26

وَقِيلَ لَهُمۡ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡبُدُونَ

Maze babwirwe n’agashinyaguro n'akantu bati: “Mbega ibigirwamana mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah, biri hehe ngo bibavugire kuri uno musi! info
التفاسير:

external-link copy
93 : 26

مِن دُونِ ٱللَّهِ هَلۡ يَنصُرُونَكُمۡ أَوۡ يَنتَصِرُونَ

Mbega burya nya bigirwamana birashoboye kubatabara ngo bibakureko ibihano! Mbe hoho nya bigirwamana nyene biranashoboye kwikura mu bihano!”. info
التفاسير:

external-link copy
94 : 26

فَكُبۡكِبُواْ فِيهَا هُمۡ وَٱلۡغَاوُۥنَ

Bazoheza rero begeranirizwe hamwe, maze batabwe mu muriro batanguje umutwe, bari mu migwimigwi. Nya bigirwamana hamwe n’abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah bakanahakana n’Intumwa zayo, bazotabwa muri nya muriro; info
التفاسير:

external-link copy
95 : 26

وَجُنُودُ إِبۡلِيسَ أَجۡمَعُونَ

Bari kumwe n’ababahubishije mu ngabo za shetani zabaryohereza gukora ibibi, nta n’umwe azocaruka. info
التفاسير:

external-link copy
96 : 26

قَالُواْ وَهُمۡ فِيهَا يَخۡتَصِمُونَ

Bazohazana bari mu muriro ku makosa yabo; info
التفاسير:

external-link copy
97 : 26

تَٱللَّهِ إِن كُنَّا لَفِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٍ

Bavuga babwira ababahubushije bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah! Ni ukuri, kw’isi twari mu buhuvyi bugaragara; info
التفاسير:

external-link copy
98 : 26

إِذۡ نُسَوِّيكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Mu kubasenga tubanganisha n’Imana Rurema w’ibiremwa vyose, Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende; info
التفاسير:

external-link copy
99 : 26

وَمَآ أَضَلَّنَآ إِلَّا ٱلۡمُجۡرِمُونَ

Burya nta cadukwegeye akaga kikadushikana aha turi, kiretse abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah baduhubishije, tukabumvira; info
التفاسير:

external-link copy
100 : 26

فَمَا لَنَا مِن شَٰفِعِينَ

Ubwo none ga yemwe! Nta n’umwe yonadusabira akadukura muri ibi bihano turimwo! info
التفاسير:

external-link copy
101 : 26

وَلَا صَدِيقٍ حَمِيمٖ

Nta n’umugenzi nkoramutima yotwumvira n’ikigongwe! info
التفاسير:

external-link copy
102 : 26

فَلَوۡ أَنَّ لَنَا كَرَّةٗ فَنَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Ese twopfuma dusubizwa kandi kw’isi tugaheza tukaba abemeramana koko!”. info
التفاسير:

external-link copy
103 : 26

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri mu nkuru ya Ibrahimu, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wumva akikebuka. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru ntibahavuye bemera. info
التفاسير:

external-link copy
104 : 26

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
105 : 26

كَذَّبَتۡ قَوۡمُ نُوحٍ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Abantu barungikiwe Intumwa Nuhu barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[4]; info

[4] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe, ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose.

التفاسير:

external-link copy
106 : 26

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ نُوحٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Igihe mwenewabo Nuhu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende! info
التفاسير:

external-link copy
107 : 26

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ

Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza; info
التفاسير:

external-link copy
108 : 26

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah; info
التفاسير:

external-link copy
109 : 26

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose; info
التفاسير:

external-link copy
110 : 26

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo". info
التفاسير:

external-link copy
111 : 26

۞ قَالُوٓاْ أَنُؤۡمِنُ لَكَ وَٱتَّبَعَكَ ٱلۡأَرۡذَلُونَ

Abantu ba Nuhu barinamuye bati: “Wewe ubona twokwemera gute ngo tugukurikire mu gihe wakurikiwe n’abantu ba nyarucari n’imbunuza!”. info
التفاسير: