Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - Përkthimi kirundisht - Jusuf Ghaiti

external-link copy
66 : 8

ٱلۡـَٰٔنَ خَفَّفَ ٱللَّهُ عَنكُمۡ وَعَلِمَ أَنَّ فِيكُمۡ ضَعۡفٗاۚ فَإِن يَكُن مِّنكُم مِّاْئَةٞ صَابِرَةٞ يَغۡلِبُواْ مِاْئَتَيۡنِۚ وَإِن يَكُن مِّنكُمۡ أَلۡفٞ يَغۡلِبُوٓاْ أَلۡفَيۡنِ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ مَعَ ٱلصَّٰبِرِينَ

Bemeramana! Kuva ubu rero, ku kubera ingoga nke mufise, Imana Allah Iraborohereje; muri mwebwe nihaba harimwo abantu ijana bihangana, bazonesha abantu amajana abiri mu babangikanyamana. Nihaba naho harimwo abantu igihumbi bihangana, bazonesha abantu ibihumbi bibiri ku burenganzira bw’Imana Allah. Burya Imana Allah, Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku ntsinzi. info
التفاسير: