Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - Përkthimi kirundisht - Jusuf Ghaiti

Numri i faqes:close

external-link copy
34 : 8

وَمَا لَهُمۡ أَلَّا يُعَذِّبَهُمُ ٱللَّهُ وَهُمۡ يَصُدُّونَ عَنِ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ وَمَا كَانُوٓاْ أَوۡلِيَآءَهُۥٓۚ إِنۡ أَوۡلِيَآؤُهُۥٓ إِلَّا ٱلۡمُتَّقُونَ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ

Mbega ni gute batoba bakwiye ibihano vy’Imana Allah kandi baburagiza abemeramana gukikura no gusengera mu musigiti mutagatifu! Kanatsinda ntibari n’abatoni b’Imana Allah. Abatoni b’Imana Allah si abandi kiretse abayitinya bakanayigamburukira, ariko abenshi muri bo ntibatahura. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 8

وَمَا كَانَ صَلَاتُهُمۡ عِندَ ٱلۡبَيۡتِ إِلَّا مُكَآءٗ وَتَصۡدِيَةٗۚ فَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡفُرُونَ

Isengesho ry’ababangikanyamana mu musigiti mutagatifu w’i Makka, ntiryari ikindi kiretse gukobereza no gukoma amashi. Nimwumvirize rero ibihano vy’ukwicwa no kugirwa imbohe vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri” kubera ubugarariji bwanyu. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 8

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمۡ لِيَصُدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ فَسَيُنفِقُونَهَا ثُمَّ تَكُونُ عَلَيۡهِمۡ حَسۡرَةٗ ثُمَّ يُغۡلَبُونَۗ وَٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِلَىٰ جَهَنَّمَ يُحۡشَرُونَ

Mu vy’ukuri, abagararije Imana Allah bakanagabira Intumwa yayo, batanga amatungo yabo batiziganya kugira barwanye idini ry’Imana Allah, no kugira babuze abantu kwinjira mw’idini ryayo. Kubera ivyo rero, bazotanga nya matungo hanyuma baruhire kwicuza, kuko impera n’imperuka bategerezwa kuneshwa. Burya abagarariji bazokwegeranirizwa mu muriro wa Jahannamu; info
التفاسير:

external-link copy
37 : 8

لِيَمِيزَ ٱللَّهُ ٱلۡخَبِيثَ مِنَ ٱلطَّيِّبِ وَيَجۡعَلَ ٱلۡخَبِيثَ بَعۡضَهُۥ عَلَىٰ بَعۡضٖ فَيَرۡكُمَهُۥ جَمِيعٗا فَيَجۡعَلَهُۥ فِي جَهَنَّمَۚ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ

Ivyo bizogenda ukwo, kugira Imana Allah Itandukanye umubi n’umwiza, gutyo Ikumakumire ababi bose mu muriro wa Jahannamu. Abo bagarariji rero, ni bo bahomvye ubuzima bwabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 8

قُل لِّلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِن يَنتَهُواْ يُغۡفَرۡ لَهُم مَّا قَدۡ سَلَفَ وَإِن يَعُودُواْ فَقَدۡ مَضَتۡ سُنَّتُ ٱلۡأَوَّلِينَ

Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji ko nibaramuka baretse kugarariza bakanareka kurwanya Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hanyuma bakemera Imana Imwe Rudende Allah, nta nkeka ko Imana Allah Izobagumiriza akabanga Ikabababarira ivyaha vyabo bakoze imbere yuko bemera. Nibasubira kurwanya Imana Allah n’Intumwa yayo naho, ni ukuri Tuzobahana nk’uko Twahanye ab’aho hambere yabo. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 8

وَقَٰتِلُوهُمۡ حَتَّىٰ لَا تَكُونَ فِتۡنَةٞ وَيَكُونَ ٱلدِّينُ كُلُّهُۥ لِلَّهِۚ فَإِنِ ٱنتَهَوۡاْ فَإِنَّ ٱللَّهَ بِمَا يَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ

Bemeramana! Nimurwanye ababangikanyamana gushika n’aho ibangikanyamana no kurwanya idini ry’Imana Allah biranduranwa n’imizi, gutyo idini risigare ari idini ry’Imana Allah Yonyene. Nibaramuka rero baretse guhohotera abemeramana, bakanemera Imana Imwe Rudende Allah, mu vy’ukuri burya Imana Allah Irabona neza ivyo bakora, ni Yo Nyenukubona. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 8

وَإِن تَوَلَّوۡاْ فَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ مَوۡلَىٰكُمۡۚ نِعۡمَ ٱلۡمَوۡلَىٰ وَنِعۡمَ ٱلنَّصِيرُ

Nibagenza umugongo naho bakirengagiza ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, bakanashishikara kurwanya idini ryayo, muramenya neza bemeramana ko Imana Allah ari Yo Muhagarikizi Ikaba n’Umutabazi wanyu. Irakaba Umwiza w’abahagarikizi ku batoni bayo, Irakaba n’Umwiza w’abatabazi mu kunesha abansi bayo. info
التفاسير: