Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - Përkthimi kirundisht - Jusuf Ghaiti

external-link copy
108 : 7

وَنَزَعَ يَدَهُۥ فَإِذَا هِيَ بَيۡضَآءُ لِلنَّٰظِرِينَ

Araheza kandi ashira ikiganza ciwe mu kwaha, agize ngo aragikuyeyo, caje cererana gisayangana cane[17] abari ng’aho birabira, barumirwa. info

[17] Ico gitangaro mu kugikora, Musa yashira ikiganza mu kwaha, akagikurayo cererana gisayangana cane; yagisubizayo kandi, akagikurayo gisa n’ibara ry’ibindi bihimba vy’umubiri wiwe.

التفاسير: