Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - Përkthimi kirundisht - Jusuf Ghaiti

Numri i faqes:close

external-link copy
111 : 6

۞ وَلَوۡ أَنَّنَا نَزَّلۡنَآ إِلَيۡهِمُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ وَكَلَّمَهُمُ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَحَشَرۡنَا عَلَيۡهِمۡ كُلَّ شَيۡءٖ قُبُلٗا مَّا كَانُواْ لِيُؤۡمِنُوٓاْ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ يَجۡهَلُونَ

Ntumwa y'Imana! Iyo Twemerera ababangikanyamana ivyo basavye Tukabamanurira abamalayika bavuye mw’ijuru, Tukanazura n’abapfuye bakemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, Tukanabegeraniriza ivyo basavye vyose mu bitangaro bakabibona imbona nkubone, ntibari kwemera ivyo ubararikira, ntibari no kuvyubahiriza namba kiretse uwo Imana Allah Ishatse muri bo ko arongoka, ariko abenshi muri bo ntibazi ukuri waje ukuye ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
112 : 6

وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَا لِكُلِّ نَبِيٍّ عَدُوّٗا شَيَٰطِينَ ٱلۡإِنسِ وَٱلۡجِنِّ يُوحِي بَعۡضُهُمۡ إِلَىٰ بَعۡضٖ زُخۡرُفَ ٱلۡقَوۡلِ غُرُورٗاۚ وَلَوۡ شَآءَ رَبُّكَ مَا فَعَلُوهُۖ فَذَرۡهُمۡ وَمَا يَفۡتَرُونَ

Ntumwa y'Imana! Ni nk’uko nyene rero - Twebwe Allah Twakugeragereje ku bansi bakurwanya - Twagerageje Intumwa zose mu guhangana n’abansi b’intumva bakomoka mu bantu no mu majini, gutyo bamwe muri bo bakabwira abandi ijambo risosa ry’ubuhakanyi, kugira uwuryumvise ajane na rwo ahube inzira. Iyo rero Imana yawe Rurema Allah Ishaka, ntibari kukugirira urwanko namba, iryo rikaba ari ryo geragezwa riva kuri Yo. Bareke rero ubirengagize, baheze barendegere mw'irementanya ryabo; info
التفاسير:

external-link copy
113 : 6

وَلِتَصۡغَىٰٓ إِلَيۡهِ أَفۡـِٔدَةُ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ وَلِيَرۡضَوۡهُ وَلِيَقۡتَرِفُواْ مَا هُم مُّقۡتَرِفُونَ

Kugira bumvirizwe banakurikirwe n’abafise imishaha itemera ko hari ubuzima bw’inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, baheze bakunde banahitemwo nya rementanya, maze barendegere mu gukora ivyo bakora mu vyaha. info
التفاسير:

external-link copy
114 : 6

أَفَغَيۡرَ ٱللَّهِ أَبۡتَغِي حَكَمٗا وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ إِلَيۡكُمُ ٱلۡكِتَٰبَ مُفَصَّلٗاۚ وَٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَعۡلَمُونَ أَنَّهُۥ مُنَزَّلٞ مِّن رَّبِّكَ بِٱلۡحَقِّۖ فَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُمۡتَرِينَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega nosaba gute ikitari Imana yanje kitari n’Imana yanyu Allah, ko coruducira jewe na mwe, kandi ari Yo Yabamanuriye Igitabu ca Qor’ani gitomora neza ingingo yofatwa ku vyo duhazanako!”. Kira noneho, n’abo Twahaye Igitabu ca Tawurati n’ic’Injili, barazi neza ko Qor’ani wayimanuriwe vy’ukuri n’Imana yawe Rurema Allah. Ntukabe namba mu bafise amakenga rero ku vyo Twaguhishuriye. info
التفاسير:

external-link copy
115 : 6

وَتَمَّتۡ كَلِمَتُ رَبِّكَ صِدۡقٗا وَعَدۡلٗاۚ لَّا مُبَدِّلَ لِكَلِمَٰتِهِۦۚ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ

Ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah rya Qor’ani, riratunganye mu gushikiriza ukuri mu mvugo n’ingiro no mu ngingo zayo, nta woshobora guhindura na kimwe mw’ijambo ryayo, ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo muhisha mu mishaha yanyu. info
التفاسير:

external-link copy
116 : 6

وَإِن تُطِعۡ أَكۡثَرَ مَن فِي ٱلۡأَرۡضِ يُضِلُّوكَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَإِنۡ هُمۡ إِلَّا يَخۡرُصُونَ

Ntumwa y’Imana! Mu gihe vyoshika ukumvira abenshi mu bantu bo kw’isi, boguhubisha inzira y’idini ry’Imana Allah. Kira noneho, ntibakurikira kiretse ivyo bakekeranya ko ari ukuri, nta n’ico bazi kiretse ugukekeranya gusa. info
التفاسير:

external-link copy
117 : 6

إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ مَن يَضِلُّ عَن سَبِيلِهِۦۖ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ

Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi bikwiye uwahuvye inzira yayo, ni na Yo Izi neza n'abagororotsi. info
التفاسير:

external-link copy
118 : 6

فَكُلُواْ مِمَّا ذُكِرَ ٱسۡمُ ٱللَّهِ عَلَيۡهِ إِن كُنتُم بِـَٔايَٰتِهِۦ مُؤۡمِنِينَ

Bislamu! Murafungura rero inyama z’ivyakerewe habanje kuvugwa izina ry’Imana Allah nimwaba mwemera vy’ukuri ivyemezo vyayo. info
التفاسير: