Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - Përkthimi kirundisht - Jusuf Ghaiti

Numri i faqes:close

external-link copy
77 : 37

وَجَعَلۡنَا ذُرِّيَّتَهُۥ هُمُ ٱلۡبَاقِينَ

Maze Tugira uruvyaro rwa Nuhu kuba ari rwo rusigara rukarondoka inyuma yuko abantu yarungitsweko bahitanwa n’isegenya; info
التفاسير:

external-link copy
78 : 37

وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ

Tumuha no kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo. info
التفاسير:

external-link copy
79 : 37

سَلَٰمٌ عَلَىٰ نُوحٖ فِي ٱلۡعَٰلَمِينَ

Harakayagwa neza rero Nuhu mw’iteka n’itekane mu biremwa vyose. info
التفاسير:

external-link copy
80 : 37

إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Ni nk’uko nyene rero mu vy’ukuri Twebwe Allah - Twahemvye Nuhu mu kuyagwa neza n’ibiremwa - Duhemba abagwaneza mu kwumvira Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
81 : 37

إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri, Nuhu ari mu baja bacu b’abemeramana bubahiriza koko amabwirizwa yacu. info
التفاسير:

external-link copy
82 : 37

ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ

Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah, Twahonya abantu ba Nuhu bahakanye bivuye inyuma, maze bahitanwa n’isegenya. info
التفاسير:

external-link copy
83 : 37

۞ وَإِنَّ مِن شِيعَتِهِۦ لَإِبۡرَٰهِيمَ

Mu vy’ukuri, mu bagendeye ukwemera-ndemanwa kwa Nuhu gushingiye ku kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni Umuvugishwamana Ibrahimu; info
التفاسير:

external-link copy
84 : 37

إِذۡ جَآءَ رَبَّهُۥ بِقَلۡبٖ سَلِيمٍ

Igihe yatumbera Imana yiwe Rurema Allah n’umutima wejejwe mu kutemera ibintazi n’ingeso mbi; info
التفاسير:

external-link copy
85 : 37

إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَاذَا تَعۡبُدُونَ

Igihe abwira se wiwe n’abantu yarungitsweko ati: “Ni ibiki musenga mu gishingo c’Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
86 : 37

أَئِفۡكًا ءَالِهَةٗ دُونَ ٱللَّهِ تُرِيدُونَ

Karashize ingani, mukanagare mwihe gusenga imana z’irementanya ha gusenga Imana Imwe Rudende Allah! info
التفاسير:

external-link copy
87 : 37

فَمَا ظَنُّكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Mbega none mwibaza iki ku co Imana Rurema w’ibiremwa vyose Yobahanisha mu gihe mwoyibangikanya!”. info
التفاسير:

external-link copy
88 : 37

فَنَظَرَ نَظۡرَةٗ فِي ٱلنُّجُومِ

Ni ho rero Ibrahimu yitegereza inyenyeri yiyumvira ico yobigobotoza mu kutajana na bo ku musi mukuru wabo; info
التفاسير:

external-link copy
89 : 37

فَقَالَ إِنِّي سَقِيمٞ

Aca ababwira ati: “Mu vy’ukuri jewe ndarwaye”. info
التفاسير:

external-link copy
90 : 37

فَتَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ مُدۡبِرِينَ

Baraheza rero baramureka arasigara, na bo barabandanya ku musi mukuru wabo. info
التفاسير:

external-link copy
91 : 37

فَرَاغَ إِلَىٰٓ ءَالِهَتِهِمۡ فَقَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ

Ni ho rero yagenda anyaragasa ahari ibigirwamana vyabo, aca abibwira atebura abinebagura ati: “Aho ga ntu, ntimwofungura kuri izi mfungurwa muterekerwa n’ababasenga! info
التفاسير:

external-link copy
92 : 37

مَا لَكُمۡ لَا تَنطِقُونَ

Mbega mwafashwe n’iki ko mutavuga, ngo mwishure n’uwubabajije!”. info
التفاسير:

external-link copy
93 : 37

فَرَاغَ عَلَيۡهِمۡ ضَرۡبَۢا بِٱلۡيَمِينِ

Ni ho rero yarengera kuri nya bigirwamana, arabikubita n’ukuryo arabimenagura. info
التفاسير:

external-link copy
94 : 37

فَأَقۡبَلُوٓاْ إِلَيۡهِ يَزِفُّونَ

Ba bantu ni ho baja kumurondera baza batazambaye n’ishavu n’akantu; info
التفاسير:

external-link copy
95 : 37

قَالَ أَتَعۡبُدُونَ مَا تَنۡحِتُونَ

Ibrahimu araheza ahura na bo ababwira ata co yinona ati: “Bishoboka gute ko musenga ivyo mwibaziye mwebwe nyene; info
التفاسير:

external-link copy
96 : 37

وَٱللَّهُ خَلَقَكُمۡ وَمَا تَعۡمَلُونَ

Mugaheza mukareka kwiyegereza Imana Allah mu vyo mukora ntimunayisenge, kandi ari Yo Yabaremye, Ikarema n’ivyo mukora!”. info
التفاسير:

external-link copy
97 : 37

قَالُواْ ٱبۡنُواْ لَهُۥ بُنۡيَٰنٗا فَأَلۡقُوهُ فِي ٱلۡجَحِيمِ

Ba bantu bamaze kwumva ko ata kuri bafise ngo biregure, baciye babicisha mu ngimba babwirana hagati yabo bati: “Nimumwubakireko, maze mugire inkonge y'umuriro, muheze mumuteyo”. info
التفاسير:

external-link copy
98 : 37

فَأَرَادُواْ بِهِۦ كَيۡدٗا فَجَعَلۡنَٰهُمُ ٱلۡأَسۡفَلِينَ

Bagomvye rero kumugirira nabi ngo bamwice, Turaheza Twebwe Allah, Turabatsinda mu gutegeka nya muriro ko utohirahira ngo umukoreko. info
التفاسير:

external-link copy
99 : 37

وَقَالَ إِنِّي ذَاهِبٌ إِلَىٰ رَبِّي سَيَهۡدِينِ

Ibrahimu yababwiye ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndimukiye aho nshobora kwiyegereza Imana yanje Rurema mu vyo nkora vyose ndanayisenga mu mwidegemvyo, Izoheza Inshikane ku vyiza mw’idini no mu buzima bwanje bwo kw’isi”; info
التفاسير:

external-link copy
100 : 37

رَبِّ هَبۡ لِي مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ

Araheza yitura Imana Allah ayisaba avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umpe umwana mu beranda”; info
التفاسير:

external-link copy
101 : 37

فَبَشَّرۡنَٰهُ بِغُلَٰمٍ حَلِيمٖ

Twaramwumviye igisabisho ciwe, Turaheza Tumuha agakuru keza ko azoronswa umwana w’umuhungu azorangwa n’ubwitonzi nta ngere[3]. info

[3] Uyo mwana akaba ari Ismayili mwene Ibrahimu.

التفاسير:

external-link copy
102 : 37

فَلَمَّا بَلَغَ مَعَهُ ٱلسَّعۡيَ قَالَ يَٰبُنَيَّ إِنِّيٓ أَرَىٰ فِي ٱلۡمَنَامِ أَنِّيٓ أَذۡبَحُكَ فَٱنظُرۡ مَاذَا تَرَىٰۚ قَالَ يَٰٓأَبَتِ ٱفۡعَلۡ مَا تُؤۡمَرُۖ سَتَجِدُنِيٓ إِن شَآءَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلصَّٰبِرِينَ

Ismayili rero amaze gukura akagera mu bigero vyo kujana na Ibrahimu mu dukorwa twa misi yose, Ibrahimu yamubwiye ati: “Mwananje! Ni ukuri, jewe narose mbona vy’ukuri ndiko ndagukerera, none ubivuzeko iki?”. Ismayili yishuye se ata gushidikanya ati: “Da! Shira mu ngiro ivyo wategetswe n’Imana Allah, maze unkerere[4], nanje uza gusanga ku bushake bw’Imana Allah ndi mu bihangana mu kwumvira Imana Allah”. info

[4] Kuko indoto z’Intumwa z’Imana, ni ibwirizwa.

التفاسير: