Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - Përkthimi kirundisht - Jusuf Ghaiti

Numri i faqes:close

external-link copy
29 : 28

۞ فَلَمَّا قَضَىٰ مُوسَى ٱلۡأَجَلَ وَسَارَ بِأَهۡلِهِۦٓ ءَانَسَ مِن جَانِبِ ٱلطُّورِ نَارٗاۖ قَالَ لِأَهۡلِهِ ٱمۡكُثُوٓاْ إِنِّيٓ ءَانَسۡتُ نَارٗا لَّعَلِّيٓ ءَاتِيكُم مِّنۡهَا بِخَبَرٍ أَوۡ جَذۡوَةٖ مِّنَ ٱلنَّارِ لَعَلَّكُمۡ تَصۡطَلُونَ

Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) amaze gukwiza ikiringo c’imyaka cumi, agafata urugendo agaruka muri Misiri ari kumwe n’umuryango wiwe, yabonye umucanwa waka mw’ijoro hambavu y’umusozi Twuuri Sinayi, aca abwira umuryango wiwe ati: “Nimundindire gato, ni ukuri jewe nabonye umucanwa, hari n’aho nobazanira inkuru ituzimurura, canke nkabazanira igishirira kugira mwote”. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 28

فَلَمَّآ أَتَىٰهَا نُودِيَ مِن شَٰطِيِٕ ٱلۡوَادِ ٱلۡأَيۡمَنِ فِي ٱلۡبُقۡعَةِ ٱلۡمُبَٰرَكَةِ مِنَ ٱلشَّجَرَةِ أَن يَٰمُوسَىٰٓ إِنِّيٓ أَنَا ٱللَّهُ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Musa amaze gushika hamwe yabona umucanwa, yumvise ijwi rizananye mu kabande kari iburyo bw’aho yari ari mu kibanza gihezagiye musi y’igiti, rimuhamagara riti: “Ewe Musa! Mu vy’ukuri, ni Jewe Allah, Imana Rurema w’ibiremwa vyose; info
التفاسير:

external-link copy
31 : 28

وَأَنۡ أَلۡقِ عَصَاكَۚ فَلَمَّا رَءَاهَا تَهۡتَزُّ كَأَنَّهَا جَآنّٞ وَلَّىٰ مُدۡبِرٗا وَلَمۡ يُعَقِّبۡۚ يَٰمُوسَىٰٓ أَقۡبِلۡ وَلَا تَخَفۡۖ إِنَّكَ مِنَ ٱلۡأٓمِنِينَ

Terera rero inkoni yawe hasi”. Musa amaze kuyiterera hasi, yaciye ihinduka inzoka yigendera. Musa abonye ya nkoni igenda iranyiganyiga nk’inzoka, yasubiye inyuma amaguru adakora hasi ahunga ata gukebuka kubera ubwoba. Imana Allah Ica Iramutururuza Iti: “Ewe Musa! Garuka ng’aha kandi ntutinye namba, mu vy’ukuri wewe uri mu batekanishijwe, nta kabi kogushikira; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 28

ٱسۡلُكۡ يَدَكَ فِي جَيۡبِكَ تَخۡرُجۡ بَيۡضَآءَ مِنۡ غَيۡرِ سُوٓءٖ وَٱضۡمُمۡ إِلَيۡكَ جَنَاحَكَ مِنَ ٱلرَّهۡبِۖ فَذَٰنِكَ بُرۡهَٰنَانِ مِن رَّبِّكَ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَمَلَإِيْهِۦٓۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمٗا فَٰسِقِينَ

Shira ikiganza cawe mu kwaha ugicishije mw’idebure[3] ry’impuzu, kivayo cererana gisayangana bidaturutse ku ndwara y’ubukarabe, uheze ushire n’ukuboko kwawe ku gikiriza uheze utekane. Ivyo rero, ni ibitangaro bibiri uhawe n’Imana yawe Rurema Allah kugira uje kwa Firawuni n’abunganizi biwe”. Mu vy’ukuri Firawuni n’abunganizi biwe, bari abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info

[3] Ni izosi ry’impuzu.

التفاسير:

external-link copy
33 : 28

قَالَ رَبِّ إِنِّي قَتَلۡتُ مِنۡهُمۡ نَفۡسٗا فَأَخَافُ أَن يَقۡتُلُونِ

Musa kubera ubwoba, yaciye avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri jewe, narishe umuntu mu Banyagiputa, nkaba ntinya ko bonyica mu gihe nosubirayo; info
التفاسير:

external-link copy
34 : 28

وَأَخِي هَٰرُونُ هُوَ أَفۡصَحُ مِنِّي لِسَانٗا فَأَرۡسِلۡهُ مَعِيَ رِدۡءٗا يُصَدِّقُنِيٓۖ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يُكَذِّبُونِ

Kandi burya murumunanje Haruna aravuga agatomora kundusha, ndagusavye rero Umundungikane kugira ambere umufasha, anyunganire mu gushikiriza ubutumwa; mu vy’ukuri, ndafise impungenge ko bohakana bivuye inyuma ko ndi Intumwa yarungitswe kuri bo”. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 28

قَالَ سَنَشُدُّ عَضُدَكَ بِأَخِيكَ وَنَجۡعَلُ لَكُمَا سُلۡطَٰنٗا فَلَا يَصِلُونَ إِلَيۡكُمَا بِـَٔايَٰتِنَآۚ أَنتُمَا وَمَنِ ٱتَّبَعَكُمَا ٱلۡغَٰلِبُونَ

Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Tuzogutera intege mu kukurungikana na murumunawe, Duheze Tubahe mwempi ububasha n’ivyemezo bituma Firawuni n’abantu biwe badashobora kubagirira nabi. Mwempi rero hamwe n’abazobakurikira bakabemera, ni mwebwe mutegerezwa gutsinda”. info
التفاسير: