ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි

පිටු අංක:close

external-link copy
7 : 9

كَيۡفَ يَكُونُ لِلۡمُشۡرِكِينَ عَهۡدٌ عِندَ ٱللَّهِ وَعِندَ رَسُولِهِۦٓ إِلَّا ٱلَّذِينَ عَٰهَدتُّمۡ عِندَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِۖ فَمَا ٱسۡتَقَٰمُواْ لَكُمۡ فَٱسۡتَقِيمُواْ لَهُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلۡمُتَّقِينَ

Ababangikanyamana ntibakwiye kugira isezerano ku Mana Allah n’Intumwa yayo ryubahirizwa, kiretse abo mwasezeraniye mu micungararo y’umusigiti mutagatifu
w’i Makka, amasezerano ya Al-Hudaybiyya; mu gihe cose bazoba bacubahiriza nya masezerano rero, muraheza muyubahirize. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagamburukiramana badahemuka mu kwubahiriza amasezerano.
info
التفاسير:

external-link copy
8 : 9

كَيۡفَ وَإِن يَظۡهَرُواْ عَلَيۡكُمۡ لَا يَرۡقُبُواْ فِيكُمۡ إِلّٗا وَلَا ذِمَّةٗۚ يُرۡضُونَكُم بِأَفۡوَٰهِهِمۡ وَتَأۡبَىٰ قُلُوبُهُمۡ وَأَكۡثَرُهُمۡ فَٰسِقُونَ

Mu gihe boramuka babanesheje, ntibokwubaha ngo bubahirize ubucuti mufitaniye, eka nta n’amasezerano bokwubahiriza[2]. Ntimuhendwe rero n’umubano mwiza babereka mu gihe batekewe n’ubwoba, bakabaha akarimi gasosa kugira babashimishe bitavuye ku mutima. Burya abenshi mu babangikanyamana, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa, bikadohoka no ku masezerano. info

[2] Kuko ababangikanyamana bubahiriza amasezerano mu gihe baneshejwe, batekewe n’ubwoba.

التفاسير:

external-link copy
9 : 9

ٱشۡتَرَوۡاْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ ثَمَنٗا قَلِيلٗا فَصَدُّواْ عَن سَبِيلِهِۦٓۚ إِنَّهُمۡ سَآءَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Bagujije Aayah z’Imana Allah ku kiguzi gito c’ivy’isi, baraheza barwanya ukuri baburagiza abantu kwinjira mu bwislamu. Mu vy’ukuri, ni bibi cane ivyo bakora. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 9

لَا يَرۡقُبُونَ فِي مُؤۡمِنٍ إِلّٗا وَلَا ذِمَّةٗۚ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُعۡتَدُونَ

Ababangikanyamana mu kurwanya ubwislamu, ntibubaha ngo bubahirize ubucuti mufitaniye, eka nta n’isezerano bubahiriza. Abo ni na bo rero barangwa n’akarenganyo. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 9

فَإِن تَابُواْ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتَوُاْ ٱلزَّكَوٰةَ فَإِخۡوَٰنُكُمۡ فِي ٱلدِّينِۗ وَنُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَعۡلَمُونَ

Nibigaya bakagaruka ku Mana Allah bakayemera, bagatsimbataza n’amasengesho, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, mu vy’ukuri bazoba ari benewanyu mu kwemera. Ni ukwo rero Twebwe Allah Dutomorera Aayah zacu abantu bazitahura, zikagira ico zibamariye. info
التفاسير:

external-link copy
12 : 9

وَإِن نَّكَثُوٓاْ أَيۡمَٰنَهُم مِّنۢ بَعۡدِ عَهۡدِهِمۡ وَطَعَنُواْ فِي دِينِكُمۡ فَقَٰتِلُوٓاْ أَئِمَّةَ ٱلۡكُفۡرِ إِنَّهُمۡ لَآ أَيۡمَٰنَ لَهُمۡ لَعَلَّهُمۡ يَنتَهُونَ

Nibadohoka ku masezerano mufitaniye, bagatyoza n’idini ryanyu ry’ubwislamu, muraheza murwanye indongozi z’ubugarariji zitigera zubaha ngo zubahirize isezerano, eka nta n’ubucuti zubahiriza. Murazirwanya rero kugira zihagarike agasotoro n’urwanko. info
التفاسير:

external-link copy
13 : 9

أَلَا تُقَٰتِلُونَ قَوۡمٗا نَّكَثُوٓاْ أَيۡمَٰنَهُمۡ وَهَمُّواْ بِإِخۡرَاجِ ٱلرَّسُولِ وَهُم بَدَءُوكُمۡ أَوَّلَ مَرَّةٍۚ أَتَخۡشَوۡنَهُمۡۚ فَٱللَّهُ أَحَقُّ أَن تَخۡشَوۡهُ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ

Bemeramana! Ubwo ntimworwanya abantu badohotse ku masezerano mufitaniye, bagashaka no kwomora Intumwa y’Imana mu gisagara ca Makka! Kanatsinda, ni na bo batanguye kubahohotera. Mbega none murabatinya canke mutinya guhangana na bo ku rugamba! Burya Imana Allah, ni Yo mukwiye gutinya vy’ukuri nimwaba muri abemaramana vy'ukuri. info
التفاسير: