ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි

පිටු අංක:close

external-link copy
107 : 9

وَٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ مَسۡجِدٗا ضِرَارٗا وَكُفۡرٗا وَتَفۡرِيقَۢا بَيۡنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَإِرۡصَادٗا لِّمَنۡ حَارَبَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ مِن قَبۡلُۚ وَلَيَحۡلِفُنَّ إِنۡ أَرَدۡنَآ إِلَّا ٱلۡحُسۡنَىٰۖ وَٱللَّهُ يَشۡهَدُ إِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ

N’indyarya zakanagaye zikubaka umusigiti mu ntumbero yo kuburabuza abemeramana, kugarariza Imana Allah hamwe no gucanishamwo abemeramana; ngo habe abaheba gusengera mu musigiti wa Qubaa bahora basengeramwo, mu kurindira uwitwa Abu Aamir Al-Raahib yatanguye kurwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, kugira agire nya musigiti ihuriro ryo kuburabuza abemeramana. Izo ndyarya rero, zizorahira kw’Izina ry’Imana Allah zirengwe, ziti: “Ni ukuri, ntitwigeze twubaka uwo musigiti kiretse ku bugwaneza, mu ntumbero yo kworohereza abashaka gusengera hafi, badashoboye kuja mu musigiti wa Qubaa[30]”. Burya Imana Allah, ni Icabona ko mu vy'ukuri zibesha mu vyo zirahirira; info

[30] Uwo musigiti wubatswe n’indyarya wahavuye usenyurwa uranaturirwa.

التفاسير:

external-link copy
108 : 9

لَا تَقُمۡ فِيهِ أَبَدٗاۚ لَّمَسۡجِدٌ أُسِّسَ عَلَى ٱلتَّقۡوَىٰ مِنۡ أَوَّلِ يَوۡمٍ أَحَقُّ أَن تَقُومَ فِيهِۚ فِيهِ رِجَالٞ يُحِبُّونَ أَن يَتَطَهَّرُواْۚ وَٱللَّهُ يُحِبُّ ٱلۡمُطَّهِّرِينَ

Muvugishwamana! Ntuzokwigere usengera na rimwe muri uwo musigiti. Ni ukuri umusigiti wa Qubaa wubatswe mu ntumbero y'igamburukiramana[31] kuva umusi wubakwa, ni wo nyabuna ukwiye gusengeramwo. Uwo musigiti, urimwo abantu bakunda kwisukura no kweza umutima. Burya Imana Allah, Irakunda abisukura bakeza umutima. info

[31] Umusigiti wa Qubaa, niwaba wubatswe mu ntumbero y'igamburukiramana kuva umusi wubakwa, umusigiti wubatswe n'Intumwa i Madina wowo urushirizaho mu kuba wubatswe muri iyo ntumbero nyene.

التفاسير:

external-link copy
109 : 9

أَفَمَنۡ أَسَّسَ بُنۡيَٰنَهُۥ عَلَىٰ تَقۡوَىٰ مِنَ ٱللَّهِ وَرِضۡوَٰنٍ خَيۡرٌ أَم مَّنۡ أَسَّسَ بُنۡيَٰنَهُۥ عَلَىٰ شَفَا جُرُفٍ هَارٖ فَٱنۡهَارَ بِهِۦ فِي نَارِ جَهَنَّمَۗ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Uwubatse inyubakwa yiwe ku mushinge w’igamburukiramana, arondera gushimwa n’Imana Allah, ntashobora kunganya ubutore n’uwubaka inyubakwa yiwe ku manga iri mugusenyuka, maze akahubaka umusigiti mu ntumbero yo kugarariza, kuburabuza abemeramana no kubacamwo imigwi, nya nyubakwa rero igaheza ikamukororera mu muriro wa Jahannamu. Burya Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
110 : 9

لَا يَزَالُ بُنۡيَٰنُهُمُ ٱلَّذِي بَنَوۡاْ رِيبَةٗ فِي قُلُوبِهِمۡ إِلَّآ أَن تَقَطَّعَ قُلُوبُهُمۡۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٌ

Ihangiro ry’inyubakwa yubatswe n’indyarya ku kubangamira umusigiti wa Qubaa, ryagumye ribonekera mu makenga n’uburyarya bitsimbataye mu mitima yazo gushika zipfe canke zicwe, canke zigaye koko ku Mana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi amakenga yuzuye imitima yazo n’ihangiro ryazo mu kwubaka nya musigiti; Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
111 : 9

۞ إِنَّ ٱللَّهَ ٱشۡتَرَىٰ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ أَنفُسَهُمۡ وَأَمۡوَٰلَهُم بِأَنَّ لَهُمُ ٱلۡجَنَّةَۚ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ فَيَقۡتُلُونَ وَيُقۡتَلُونَۖ وَعۡدًا عَلَيۡهِ حَقّٗا فِي ٱلتَّوۡرَىٰةِ وَٱلۡإِنجِيلِ وَٱلۡقُرۡءَانِۚ وَمَنۡ أَوۡفَىٰ بِعَهۡدِهِۦ مِنَ ٱللَّهِۚ فَٱسۡتَبۡشِرُواْ بِبَيۡعِكُمُ ٱلَّذِي بَايَعۡتُم بِهِۦۚ وَذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ

Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaramaze kuguza ubuzima n’amatungo vy’abemeramana, Ubwami bw’ijuru; kuko baharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga ivyabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo kugira idini ryayo riganze, maze bakica canke bakicwa. Iryo ni ryo sezerano ry’ukuri riri muri Tawurati, mu Njiili no muri Qor’ani. Nta n’umwe rero yokwubaha akubahiriza isezerano kurusha Imana Allah. Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimuhimbarwe n’urudandaza mwagize n’Imana Allah mu kuguza ubuzima bwanyu Ubwami bw'ijuru, iyo ni na yo ntsinzi rero ihambaye. info
التفاسير: