Vertaling van de betekenissen Edele Qur'an - Kirundi vertaling - Yoessoef Gahiti

Pagina nummer:close

external-link copy
15 : 4

وَٱلَّٰتِي يَأۡتِينَ ٱلۡفَٰحِشَةَ مِن نِّسَآئِكُمۡ فَٱسۡتَشۡهِدُواْ عَلَيۡهِنَّ أَرۡبَعَةٗ مِّنكُمۡۖ فَإِن شَهِدُواْ فَأَمۡسِكُوهُنَّ فِي ٱلۡبُيُوتِ حَتَّىٰ يَتَوَفَّىٰهُنَّ ٱلۡمَوۡتُ أَوۡ يَجۡعَلَ ٱللَّهُ لَهُنَّ سَبِيلٗا

Abasambanye mu bakenyezi banyu murasaba ivyabona vy’abagabo bine vy’intungane muri mwebwe abislamu bibagirize; nivyabagiriza ico caha, murabahanisha ukwugaranirwa mu nzu gushika gupfa canke gushika Imana Allah Ibaciriye inzira yo kubeza ico gihano; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 4

وَٱلَّذَانِ يَأۡتِيَٰنِهَا مِنكُمۡ فَـَٔاذُوهُمَاۖ فَإِن تَابَا وَأَصۡلَحَا فَأَعۡرِضُواْ عَنۡهُمَآۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ تَوَّابٗا رَّحِيمًا

Nayo abasambana muri mwebwe abagabo, murabahanisha ugukubitwa, kubomora no kubanebagura. Nibaramuka bihanye bagakora ivyiza bitegetswe, murashoka mwirengagiza ukubahana. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenukwumvirabigaya, Nyenimpuhwe ku batoni bayo[2]. info

[2] Iyi Aayah n’iyiri haruguru yayo, zirerekana ko abagabo basambanye babangamirwa gushika bigaye. Abagore na bo basambanye bakugaranirwa mu nzu, bagacibwa mu bandi mu gukumirwa gushika bapfe. Iyi ngingo yarubahirijwe mu ntango y’ubwislamu, hanyuma iza guhagarikwa n’ingingo iri mu gisomwa An-Nuuri, Aayah ya 2 ivuga ku gihano co gutera amabuye abasambanye bubatse izabo, mu gihe bigenga, bageze mu bigero, bakwije ubwenge, bakaba kandi barahuje koko ibitsina. Abatubatse bahanishwa ugukubitwa inkoni ijana n’ukwomorwa umwaka umwe.

التفاسير:

external-link copy
17 : 4

إِنَّمَا ٱلتَّوۡبَةُ عَلَى ٱللَّهِ لِلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلسُّوٓءَ بِجَهَٰلَةٖ ثُمَّ يَتُوبُونَ مِن قَرِيبٖ فَأُوْلَٰٓئِكَ يَتُوبُ ٱللَّهُ عَلَيۡهِمۡۗ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلِيمًا حَكِيمٗا

Ni ukuri, ukwigaya kwemewe ku Mana Allah, ni ukw’abakora ibicumuro n’ivyaha ku bujuju bwo kutamenya ingaruka yavyo, hanyuma bakagaruka ku Mana Allah bakayumvira batarashika ku mpfiro, abo rero ni bo Imana Allah Yemerera ukwigaya kwabo. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
18 : 4

وَلَيۡسَتِ ٱلتَّوۡبَةُ لِلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلسَّيِّـَٔاتِ حَتَّىٰٓ إِذَا حَضَرَ أَحَدَهُمُ ٱلۡمَوۡتُ قَالَ إِنِّي تُبۡتُ ٱلۡـَٰٔنَ وَلَا ٱلَّذِينَ يَمُوتُونَ وَهُمۡ كُفَّارٌۚ أُوْلَٰٓئِكَ أَعۡتَدۡنَا لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمٗا

Ukwigaya kwemewe rero, si ukw’abatsimbatara ku vyaha n’ibicumuro, ntibaheze ngo bagaruke ku Mana Allah gushika bagere ku mpfiro, ahasigaye umwe muri bo akavuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, ubu ndigaye ku Mana Allah”, ni nk’uko nyene ukwigaya kw’abapfa bakigarariza Imana Allah n’Intumwa yayo, ntikwemerwa. Abo ni bo rero Twebwe Allah Twategekanirije ibihano bibabaza. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 4

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا يَحِلُّ لَكُمۡ أَن تَرِثُواْ ٱلنِّسَآءَ كَرۡهٗاۖ وَلَا تَعۡضُلُوهُنَّ لِتَذۡهَبُواْ بِبَعۡضِ مَآ ءَاتَيۡتُمُوهُنَّ إِلَّآ أَن يَأۡتِينَ بِفَٰحِشَةٖ مُّبَيِّنَةٖۚ وَعَاشِرُوهُنَّ بِٱلۡمَعۡرُوفِۚ فَإِن كَرِهۡتُمُوهُنَّ فَعَسَىٰٓ أَن تَكۡرَهُواْ شَيۡـٔٗا وَيَجۡعَلَ ٱللَّهُ فِيهِ خَيۡرٗا كَثِيرٗا

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimurekuriwe kwihagira abakenyezi basigwa na ba so ku gahato, mukabafata nk’aho boba ari ibisigi, mu kubabira canke kubabuza kwabirwa, kubashingira ku bandi bagabo ku gahato. Ntimunarekuriwe kubangamira abakenyezi banyu kugira babahebere ku gahato zimwe mu nkwano mwabahaye, n’ibindi, kiretse mu gihe bokora icaha c’agahomerabunwa (nk’ugusambana), muri ico gihe rero, murekuriwe kubagumya gushika babiyambuye mu kubasubiza inkwano mwabahaye. Muraheza rero mubane n’abakenyezi banyu ku neza, mu rukundo n’iteka nta ngere mu mvugo n’ingiro. Nimwaramuka mubanse ku mvo iyi canke iriya ishingiye ku vy’isi, murabihanganira, kuko hari n’aho mwokwanka ikintu, maze Imana Allah Ikagishiramwo ivyiza vyinshi. info
التفاسير: