Vertaling van de betekenissen Edele Qur'an - Kirundi vertaling - Yoessoef Gahiti

Pagina nummer:close

external-link copy
77 : 2

أَوَلَا يَعۡلَمُونَ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا يُسِرُّونَ وَمَا يُعۡلِنُونَ

Mbega ntibazi mu vy’ukuri ko Imana Allah Izi neza ivyo bagirira mu mpisho n’ivyo bagirira ku mugaragaro, n’uko kandi Izobibahembera! info
التفاسير:

external-link copy
78 : 2

وَمِنۡهُمۡ أُمِّيُّونَ لَا يَعۡلَمُونَ ٱلۡكِتَٰبَ إِلَّآ أَمَانِيَّ وَإِنۡ هُمۡ إِلَّا يَظُنُّونَ

Burya mu bayahudi harimwo abatazi gusoma no kwandika, batazi n’ibiranga Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibiri muri Tawurati kiretse ivyipfuzo n’irementanya. Kandi bo nta co bazi atari ugukekeranya gusa. info
التفاسير:

external-link copy
79 : 2

فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ يَكۡتُبُونَ ٱلۡكِتَٰبَ بِأَيۡدِيهِمۡ ثُمَّ يَقُولُونَ هَٰذَا مِنۡ عِندِ ٱللَّهِ لِيَشۡتَرُواْ بِهِۦ ثَمَنٗا قَلِيلٗاۖ فَوَيۡلٞ لَّهُم مِّمَّا كَتَبَتۡ أَيۡدِيهِمۡ وَوَيۡلٞ لَّهُم مِّمَّا يَكۡسِبُونَ

Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukwa barya bahindagura mu kwandika n’iminwe yabo ibiri muri Tawurati, hanyuma bakavuga bati: “Ng’ibi ibivuye ku Mana Allah”, kandi biteye kubiri n’ibiri muri yo, kugira ngo babigurishe ku giciro gito. Kubera ivyo rero, uguhanwa nya guhanwa ni ukw’abo ku kubera ivyanditswe n’iminwe yabo. Uguhanwa nya guhanwa ni ukw’abo ku vyo baronderera mw’iryo hindagurwa rya Tawurati. info
التفاسير:

external-link copy
80 : 2

وَقَالُواْ لَن تَمَسَّنَا ٱلنَّارُ إِلَّآ أَيَّامٗا مَّعۡدُودَةٗۚ قُلۡ أَتَّخَذۡتُمۡ عِندَ ٱللَّهِ عَهۡدٗا فَلَن يُخۡلِفَ ٱللَّهُ عَهۡدَهُۥٓۖ أَمۡ تَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ

Bene Israyeli bavuze bati: “Ntituzohanwa mu muriro kiretse imisi y’imparurwa (itarenga mirongo ine)”. Ntumwa y’Imana! Babeshuze maze ubabwire uti: “Mbega mwoba mwarahawe isezerano ry’Imana Allah ko Itazobahana kiretse ico kiringo, ku buryo Itazoca kubiri n’isezerano Yabahaye! Ahubwo rero mwebwe mubeshera Imana Allah ivyo mutazi”. info
التفاسير:

external-link copy
81 : 2

بَلَىٰۚ مَن كَسَبَ سَيِّئَةٗ وَأَحَٰطَتۡ بِهِۦ خَطِيٓـَٔتُهُۥ فَأُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ

Si nk’uko murementanya rero! Ahubwo ingingo y’Imana Allah ntiyigera ihinduka, ko hazohanwa abarondera gucumura bacumuye bagarariza, maze ivyaha vyabo bikabakikuza ku mpande zose, bagacika ababangikanyamana, abo rero, ni bo bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera. info
التفاسير:

external-link copy
82 : 2

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ

Na barya bemeye vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa zayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe, abo rero na bo nyene bazoshimirwa, ni bo bantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera. info
التفاسير:

external-link copy
83 : 2

وَإِذۡ أَخَذۡنَا مِيثَٰقَ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ لَا تَعۡبُدُونَ إِلَّا ٱللَّهَ وَبِٱلۡوَٰلِدَيۡنِ إِحۡسَانٗا وَذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَقُولُواْ لِلنَّاسِ حُسۡنٗا وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ ثُمَّ تَوَلَّيۡتُمۡ إِلَّا قَلِيلٗا مِّنكُمۡ وَأَنتُم مُّعۡرِضُونَ

Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano Duti: “Ntimwiyegereze mu gusenga kiretse Imana Imwe Rudende Allah, muheze mwubahe mwubahirize agateka k’abavyeyi babibarutse mu bugwaneza, mukorere n’ineza incuti mu miryango, impfuvyi hamwe rero n’abakene, mwongere mubwire abantu akajambo keza, mutsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, munatanga n’ishikanwa-bwirizwa”. Mu nyuma y’aho, mwahavuye mugenza umugongo ntimwubahiriza isezerano, kiretse bake muri mwebwe. Kandi mwashishikaye muvyirengagiza ku kagagazo. info
التفاسير: