[7] Ni ukwubama ku bw’icubahiro; mu mabwirizwa y’idini rya Yakubu, ico gihe vyari birekuwe kwubamira umuntu mu kumwubaha. Vyahavuye rero bibuzwa mu mabwirizwa y’idini ry’ubwislamu ku kwanka ko vyoba imvo y’ibangikanyamana. Mu bwislamu rero, kirazira kikaziririzwa kwubamira ikiremwa.
[8] Ugushikiriza ido n’ido kahise nk’uko vyagenze ku vyerekeye Intumwa z’aho hambere y’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni kimwe mu vyerekana ko Qor'ani yahishuwe koko n’Imana Allah.