पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - किरुन्दी अनुवाद : युसुफ घहीती ।

رقم الصفحة:close

external-link copy
103 : 37

فَلَمَّآ أَسۡلَمَا وَتَلَّهُۥ لِلۡجَبِينِ

Bompi rero bamaze kwitegurira kwubahiriza iryo tegeko, maze Ibrahimu akarambika Ismayili hasi yubitse inda kugira amukerere; info
التفاسير:

external-link copy
104 : 37

وَنَٰدَيۡنَٰهُ أَن يَٰٓإِبۡرَٰهِيمُ

Ni ho Twahamagara Ibrahimu muri ivyo bihe bigoye Duti: “Ewe Ibrahimu! info
التفاسير:

external-link copy
105 : 37

قَدۡ صَدَّقۡتَ ٱلرُّءۡيَآۚ إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Ni ukuri, wamaze gushira mu ngiro ico wategetswe mu ndoto. Ni nk’uko nyene rero mu vy’ukuri Twebwe Allah - Twahemvye Ibrahimu kw’ishirwa mu ngiro ry’indoto yiwe - Duhemba abagwaneza mu kubakura mu vyago mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa; info
التفاسير:

external-link copy
106 : 37

إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡبَلَٰٓؤُاْ ٱلۡمُبِينُ

Mu vy’ukuri ikererwa ry’umwana wawe Ismayili, ni ryo geragezwa rihambaye ryerekana ukuri kw’ukwemera kwawe”. info
التفاسير:

external-link copy
107 : 37

وَفَدَيۡنَٰهُ بِذِبۡحٍ عَظِيمٖ

Ni ukwo rero Twarokoye Ismayili, haraheza hakererwa imbagwa y’intama mu kibanza ciwe. info
التفاسير:

external-link copy
108 : 37

وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ

Gutyo Duha Ibrahimu kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo. info
التفاسير:

external-link copy
109 : 37

سَلَٰمٌ عَلَىٰٓ إِبۡرَٰهِيمَ

Ibrahimu arakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
110 : 37

كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Ibrahimu ku kwubahiriza ibwirizwa ryacu - Duhemba abagwaneza. info
التفاسير:

external-link copy
111 : 37

إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri, Ibrahimu ari mu baja bacu b’abemeramana koko. info
التفاسير:

external-link copy
112 : 37

وَبَشَّرۡنَٰهُ بِإِسۡحَٰقَ نَبِيّٗا مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ

Ibrahimu mu kumuhembera ukwihangana kw’ishirwa mu ngiro ry’ibwirizwa ryacu, Twaranamuhaye agakuru keza ko kuzoronswa umwana yitwa Is-haka, akazoba n’Umuvugishwamana mu Bavugishwamana beranda; info
التفاسير:

external-link copy
113 : 37

وَبَٰرَكۡنَا عَلَيۡهِ وَعَلَىٰٓ إِسۡحَٰقَۚ وَمِن ذُرِّيَّتِهِمَا مُحۡسِنٞ وَظَالِمٞ لِّنَفۡسِهِۦ مُبِينٞ

Maze Turamuhezagira we hamwe n’umwana wiwe Is-haka. Mu ruvyaro rwabo bompi rero, hahavuye habonekamwo umwumviramana w’umugwaneza koko, hamwe rero n’uwirenganya bimwe biboneka mu kugarariza. info
التفاسير:

external-link copy
114 : 37

وَلَقَدۡ مَنَنَّا عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ

Ni ukuri Musa na murumunawe Haruna, Twarabateye iteka ryo kuba Intumwa; info
التفاسير:

external-link copy
115 : 37

وَنَجَّيۡنَٰهُمَا وَقَوۡمَهُمَا مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ

Turaheza Turabarokora bompi hamwe n’abantu babo mu vyago bihambaye vyo gusoma nturi; info
التفاسير:

external-link copy
116 : 37

وَنَصَرۡنَٰهُمۡ فَكَانُواْ هُمُ ٱلۡغَٰلِبِينَ

Maze Turabatabara, baranesha Firawuni hamwe n’abunganizi biwe; info
التفاسير:

external-link copy
117 : 37

وَءَاتَيۡنَٰهُمَا ٱلۡكِتَٰبَ ٱلۡمُسۡتَبِينَ

Twaranabahaye Igitabu ca Tawurati gitomoye; info
التفاسير:

external-link copy
118 : 37

وَهَدَيۡنَٰهُمَا ٱلصِّرَٰطَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ

Tubarongora no mu nzira igororotse y’ubwislamu; info
التفاسير:

external-link copy
119 : 37

وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِمَا فِي ٱلۡأٓخِرِينَ

Gutyo, Tubaha kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo. info
التفاسير:

external-link copy
120 : 37

سَلَٰمٌ عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ

Musa na murumunawe Haruna barakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
121 : 37

إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Musa na Haruna - Duhemba abagwaneza b’imvugakuri. info
التفاسير:

external-link copy
122 : 37

إِنَّهُمَا مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri Musa na murumunawe Haruna, bari mu baja bacu b’abemeramana koko. info
التفاسير:

external-link copy
123 : 37

وَإِنَّ إِلۡيَاسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Mu vy’ukuri Ilyaasi, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa; info
التفاسير:

external-link copy
124 : 37

إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَلَا تَتَّقُونَ

Igihe yabwira abantu biwe yarungitsweko muri Bene Israyeli ati: “Nimutinye ibihano vy’Imana Allah, ntimuhirahire ngo muyibangikanye; info
التفاسير:

external-link copy
125 : 37

أَتَدۡعُونَ بَعۡلٗا وَتَذَرُونَ أَحۡسَنَ ٱلۡخَٰلِقِينَ

Bishoboka gute ko musenga ikigirwamana ata na kimwe gishoboye, mukirengagiza gusenga Umwiza w’abaremyi; info
التفاسير:

external-link copy
126 : 37

ٱللَّهَ رَبَّكُمۡ وَرَبَّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ

Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikaba ari na Yo Mana Yaremye ba so aho hambere yanyu!”. info
التفاسير: