पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - किरुन्दी अनुवाद : युसुफ घहीती ।

As-Swaaffaat

external-link copy
1 : 37

وَٱلصَّٰٓفَّٰتِ صَفّٗا

Ndarahiye Jewe Allah, ku bamalayika batonda ku murongo mu gusenga; info
التفاسير:

external-link copy
2 : 37

فَٱلزَّٰجِرَٰتِ زَجۡرٗا

No ku bamalayika basunika ibicu vy’imvura kw’itegeko ryanje; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 37

فَٱلتَّٰلِيَٰتِ ذِكۡرًا

No ku bamalayika basoma urwibutso n’amajambo yanje mu guhishurira Intumwa[1]! info

[1] Imana Allah Irahira ku co Ishatse mu biremwa vyayo, nayo ibiremwa ntibirekuriwe kurahira, kiretse kw’izina ryayo gusa. Ukurahira kw’izina ry’ikitari Imana Allah, ni ibangikanyamana.

التفاسير:

external-link copy
4 : 37

إِنَّ إِلَٰهَكُمۡ لَوَٰحِدٞ

Mu vy’ukuri ga bantu! Imana yanyu mukwiye gusenga Itabangikanywa, ni Imana Imwe Rudende Allah. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 37

رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَرَبُّ ٱلۡمَشَٰرِقِ

Ni Yo Mana Rurema Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ni na Yo Mubungabunzi w’izuba mu buseruko no mu burengero bwaryo. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 37

إِنَّا زَيَّنَّا ٱلسَّمَآءَ ٱلدُّنۡيَا بِزِينَةٍ ٱلۡكَوَاكِبِ

Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarasharije n’inyenyeri ijuru ryegereye isi; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 37

وَحِفۡظٗا مِّن كُلِّ شَيۡطَٰنٖ مَّارِدٖ

Turaheza Turaribungabunga, kugira ntirivogerwe n’uwo wese mu ntagondwa z’amashetani; info
التفاسير:

external-link copy
8 : 37

لَّا يَسَّمَّعُونَ إِلَى ٱلۡمَلَإِ ٱلۡأَعۡلَىٰ وَيُقۡذَفُونَ مِن كُلِّ جَانِبٖ

Amashetani rero, ntashobora gushika ahari abamalayika mu majuru ngo aheze asume urusaku kw’ihishurwa ry’ibijanye n’amabwirizwa, ivyagezwe hamwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo. Amashetani ahirahiye agasuma urusaku, aca aterwa ibishirira vya nyakotsi biturutse ku mpande zose; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 37

دُحُورٗاۖ وَلَهُمۡ عَذَابٞ وَاصِبٌ

Akirukanwa kugira ntashobore gusuma nya rusaku, yaranategekanirijwe n’ibihano vyamaho mu buzima bw’inyuma yo gupfa; info
التفاسير:

external-link copy
10 : 37

إِلَّا مَنۡ خَطِفَ ٱلۡخَطۡفَةَ فَأَتۡبَعَهُۥ شِهَابٞ ثَاقِبٞ

Kiretse shetani isamiye hejuru ijambo rimwe muri iryo suma ry’urusaku, igaca iribwira iyiri musi yayo; ino na yo ikaribwira iyindi iri musi yayo gushika ku yiri kw’isi. Hari n’aho rero, ikurikizwa igishirira ca nyakotsi kikayiturira imbere yuko iribwira iyiri musi yayo. Hari n’igihe bishika rero mu vyagezwe n’Imana Allah, ikarisamira hejuru ikaribwira iyiri musi yayo imbere yuko ishikirwa na nya gishirira kikayiturira, maze iya nyuma muri yo ikarishikiriza ba senyagara n’abapfumu, na bo bagaca baryuhirako ayandi majambo ijana y’ikinyoma. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 37

فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَهُمۡ أَشَدُّ خَلۡقًا أَم مَّنۡ خَلَقۡنَآۚ إِنَّا خَلَقۡنَٰهُم مِّن طِينٖ لَّازِبِۭ

Ntumwa y’Imana! Baza abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, ko iremwa ryabo ari ryo rigoye cane gusumba iremwa ry’ibindi biremwa Twaremye! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye se wabo Adamu mw’ivu ribomvye. info
التفاسير:

external-link copy
12 : 37

بَلۡ عَجِبۡتَ وَيَسۡخَرُونَ

Ntumwa y’Imana! Ahubwo icogutangaza, ni ihakana ryabo ry’izurwa ry’ibiremwa; n’icogutangaza kurusha, ni itebura ryabo kuri wewe n’isuzugurwa ry’amajambo yawe! info
التفاسير:

external-link copy
13 : 37

وَإِذَا ذُكِّرُواْ لَا يَذۡكُرُونَ

N’iyo bibukijwe ku vyo bibagiye canke bakagotwa, ukubibutsa nta co kubamarira ngo bikebuke. info
التفاسير:

external-link copy
14 : 37

وَإِذَا رَأَوۡاْ ءَايَةٗ يَسۡتَسۡخِرُونَ

N’iyo babonye icemezo cerekana ko uri Intumwa vy’ukuri, baragiteburako bakitangaza; info
التفاسير:

external-link copy
15 : 37

وَقَالُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ مُّبِينٌ

Bagaheza bakavuga bati: “Iyi Qor’ani watuzaniye, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 37

أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ

Mbega igihe twapfuye tugacika ivu n’amagufa yaboze, burya mu vy’ukuri tuzosubizwa ubuzima duheze tuzuke! info
التفاسير:

external-link copy
17 : 37

أَوَءَابَآؤُنَا ٱلۡأَوَّلُونَ

Mbega burya hazozuka na ba data bapfuye kera!” info
التفاسير:

external-link copy
18 : 37

قُلۡ نَعَمۡ وَأَنتُمۡ دَٰخِرُونَ

Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa uti: “Ego cane! Bitebe bitebuke, muzosubizwa ubuzima maze muzuke kandi musuzuguritse”. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 37

فَإِنَّمَا هِيَ زَجۡرَةٞ وَٰحِدَةٞ فَإِذَا هُمۡ يَنظُرُونَ

Ni ukuri, izurwa ryabo ni akaravyo, hazopfa kuvuzwa inzamba igira kabiri gusa, ubwo nyene bace basokoroka mu kuzimu birabira intureka zo ku musi w’izuka; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 37

وَقَالُواْ يَٰوَيۡلَنَا هَٰذَا يَوۡمُ ٱلدِّينِ

Baheze bavuge n’agahinda n’akantu bati: “Amagorwa arama yemwe! Uwu, ni wo musi w’iharurirwa n’impera!”; info
التفاسير:

external-link copy
21 : 37

هَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ

Bace babwirwa n’abamalayika bati: “Uwu, ni wo musi wo gutunganiriza ibiremwa, umusi mwahora muhakana mwivuye inyuma mukiri kw’isi ko utabaho”. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 37

۞ ٱحۡشُرُواْ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ وَأَزۡوَٰجَهُمۡ وَمَا كَانُواْ يَعۡبُدُونَ

Abamalayika bazobwirwa bati: “Nimwegeranirize hamwe abirenganije mu kugarariza bari kumwe n’abagenzi babo, hamwe rero n’ibigirwamana bahora basenga; info
التفاسير:

external-link copy
23 : 37

مِن دُونِ ٱللَّهِ فَٱهۡدُوهُمۡ إِلَىٰ صِرَٰطِ ٱلۡجَحِيمِ

Bakabisenga mu gishingo c’Imana Allah, muheze mubashorere mu nzira ibashikana mu muriro ururumba; info
التفاسير:

external-link copy
24 : 37

وَقِفُوهُمۡۖ إِنَّهُم مَّسۡـُٔولُونَ

Maze mubahagarike aho babanza kubazwa imbere yuko batabwa mu muriro wa Jahannamu; mu vy’ukuri, bategerezwa kubazwa ku vyo bakoze no ku vyo bavuze vyose”. info
التفاسير: