पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - किरुन्दी अनुवाद : युसुफ घहीती ।

رقم الصفحة:close

external-link copy
25 : 37

مَا لَكُمۡ لَا تَنَاصَرُونَ

Bazoheza rero babwirwe ku gashinyaguro n’akantu bati: “Mbega mwafashwe n’iki ko mudatabarana nk’uko mwabigenza kw’isi!”. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 37

بَلۡ هُمُ ٱلۡيَوۡمَ مُسۡتَسۡلِمُونَ

Ahubwo kuri uwu musi, bicishije bugufi mu kwubahiriza itegeko ry’Imana Allah, ntibashobora namba guca kubiri na ryo. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 37

وَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ

Aho rero, bazoheza batangure guhazana, bahangane hagati yabo batanako imiragwe; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 37

قَالُوٓاْ إِنَّكُمۡ كُنتُمۡ تَأۡتُونَنَا عَنِ ٱلۡيَمِينِ

Maze indongozi z’abahuvye zibwirwe n’abazikurikiye mu buhuvyi ziti: “Mu vy’ukuri, ni mwebwe mwahora mutuja mu gutwi mukatwankisha ukuri, mukaturyohereza ubuhuvyi kw’izina ry’idini”. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 37

قَالُواْ بَل لَّمۡ تَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ

Indongozi z’abahuvye na zo zibwire abazikurikiye mu buhuvyi ziti: “Sigaho, murabaga mwifashe! Ahubwo nyabuna, mwebwe ntimwigeze mwemera namba; info
التفاسير:

external-link copy
30 : 37

وَمَا كَانَ لَنَا عَلَيۡكُم مِّن سُلۡطَٰنِۭۖ بَلۡ كُنتُمۡ قَوۡمٗا طَٰغِينَ

Vyongeye nta n’ububasha bw’ivyemezo canke bw’inguvu twari tubafiseko ngo tubabuze ukwemera Imana Allah, eka mbere mwari mwigize akagaramaruganda mu guhonyanga ukuri mukubona; info
التفاسير:

external-link copy
31 : 37

فَحَقَّ عَلَيۡنَا قَوۡلُ رَبِّنَآۖ إِنَّا لَذَآئِقُونَ

Ni ho rero twebwe hamwe na mwe twagirwa n’ijambo ry’Imana yacu Rurema Allah, ryo gusezeranira ibihano abagarariji[2]. Mu vy’ukuri rero, twese hamwe dutegerezwa guhonja ibihano; info

[2] Raba Aayah ya 13 mu gisomwa Sajda.

التفاسير:

external-link copy
32 : 37

فَأَغۡوَيۡنَٰكُمۡ إِنَّا كُنَّا غَٰوِينَ

Twebwe twarabahubishije inzira y’ukwemera, muraheza muradukurikira mu buhuvyi, mu vy’ukuri twari twarahuvye”. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 37

فَإِنَّهُمۡ يَوۡمَئِذٖ فِي ٱلۡعَذَابِ مُشۡتَرِكُونَ

Mu vy’ukuri kuri uwo musi rero, indongozi z’abahuvye hamwe n’abazikurikiye mu buhuvyi, bazofadikanya mu bihano nk’uko bafadikanije kw’isi mu buhuvyi. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 37

إِنَّا كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ

Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tugira mu guhana inkozi z’ikibi zahisemwo ubugaba kw’isi ha kutwumvira. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 37

إِنَّهُمۡ كَانُوٓاْ إِذَا قِيلَ لَهُمۡ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا ٱللَّهُ يَسۡتَكۡبِرُونَ

Mu vy’ukuri, ababangikanyamana bakiri kw’isi, iyo bararikiwe gusenga Imana Imwe Rudende Allah, bati: “Nta mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah”, bahora bagira amanyama bakirengagiza; info
التفاسير:

external-link copy
36 : 37

وَيَقُولُونَ أَئِنَّا لَتَارِكُوٓاْ ءَالِهَتِنَا لِشَاعِرٖ مَّجۡنُونِۭ

Bagaca bavuga bati: “Mbega vyoshoboka gute mu vy’ukuri, ko tureka gusenga imana zacu ku kwubahiriza gusa ijambo ry’umwivuzi w’amazina, yakehewe n’ubwenge!”. info
التفاسير:

external-link copy
37 : 37

بَلۡ جَآءَ بِٱلۡحَقِّ وَصَدَّقَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Nibateshwe bate barahumba! Muhamadi ntari nk’ukwo bamuvuga namba, ahubwo yaje abazaniye ukuri kw’ukwemera gushingiye kuri Qor’ani, ashimangira ivyashikirijwe n’izindi Ntumwa mu mabwirizwa n’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 37

إِنَّكُمۡ لَذَآئِقُواْ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡأَلِيمِ

Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, mwebwe ku kubera ihakana ryanyu, mutegerezwa guhonja ibihano bibabaza; info
التفاسير:

external-link copy
39 : 37

وَمَا تُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Kandi mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ntimuzohanwa, kiretse ku vyaha mwari mwarakoze kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 37

إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ

Kiretse abaja b’Imana Allah bayitumbera mu vyo bakora vyose bakabikora ku bwayo, maze Igaheza Ikabakingira ibihano; info
التفاسير:

external-link copy
41 : 37

أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ رِزۡقٞ مَّعۡلُومٞ

Abo, ni bo rero bazoronka impano zizwi neza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru; info
التفاسير:

external-link copy
42 : 37

فَوَٰكِهُ وَهُم مُّكۡرَمُونَ

Izo mpembo, ni ivyamwa vy’ubwoko butandukanye, bakazonaterwa iteka n’icubahiro; info
التفاسير:

external-link copy
43 : 37

فِي جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ

Mu Bwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema zamaho; info
التفاسير:

external-link copy
44 : 37

عَلَىٰ سُرُرٖ مُّتَقَٰبِلِينَ

Aho bazoba bicaye ku bitanda batumberanye, barabana; info
التفاسير:

external-link copy
45 : 37

يُطَافُ عَلَيۡهِم بِكَأۡسٖ مِّن مَّعِينِۭ

Ibirahuri vy’inzoga itambiye bicanacanako, inzoga yengwa mu mazi y’iriba ritemba ryamaho; info
التفاسير:

external-link copy
46 : 37

بَيۡضَآءَ لَذَّةٖ لِّلشَّٰرِبِينَ

Ifise ibara ryera n'akanovera k’akataraboneka ku banywi bazoyihereza; info
التفاسير:

external-link copy
47 : 37

لَا فِيهَا غَوۡلٞ وَلَا هُمۡ عَنۡهَا يُنزَفُونَ

Ntigira ingaruka mbi ngo iboreze canke ngo isinzikaze ubuzima bw’uwuguma ayinywa; info
التفاسير:

external-link copy
48 : 37

وَعِندَهُمۡ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ عِينٞ

Muri nya Bwami, bazoba bafise n’abakenyezi biyubashe bisoneye, batigera bakubita ijisho abatari abagabo babo, bafise n’amaso meza nk’ay’inyana; info
التفاسير:

external-link copy
49 : 37

كَأَنَّهُنَّ بَيۡضٞ مَّكۡنُونٞ

Basa neza, ntiworaba barasayangana; wogira ngo ni irigi ribitswe ahantu ata n’umwe ararikorako. info
التفاسير:

external-link copy
50 : 37

فَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ

Abari mu Bwami bw’ijuru, bazobazanya hagati yabo, batera inkuru z’ubuzima babanyemwo n’abandi kw’isi; info
التفاسير:

external-link copy
51 : 37

قَالَ قَآئِلٞ مِّنۡهُمۡ إِنِّي كَانَ لِي قَرِينٞ

Maze umwe muri bo aheze avuge ati: “Mu vy’ukuri, kw’isi nari mfise umugenzi twamana hafi; info
التفاسير: