[8] Mu kiringo c’imyaka cumi n’itatu abemeramana bamaze i Makka, ntibari barekuriwe na gato kwihora uwubasindiye canke uwubarenganije, ahubwo bari bategetswe kwihangana no kutihora ku bibashikiye vyose. Aho rero Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yimukiye ikava i Makka ikaja i Madina, abislamu na bo bakiyongera igitigiri, Imana Allah Yaciye Ihishura iyi Aayah, Ibarekurira kwirwanako ku rugamba.
[9] SWAWAAMI’U ni ubwiherero bw’abihebeye Imana. BIYA’U ni isengero ry’abanaswara. SWALAWAATU ni ahantu abayahudi basengera. MASAAJIDI ni ahantu abislamu basengera.
[10] Mu kwubaha no kwubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa.
[11] Vyabujijwe n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo.