വിശുദ്ധ ഖുർആൻ പരിഭാഷ - കിരുണ്ടി വിവർത്തനം - യൂസുഫ് ഘഹിതി

പേജ് നമ്പർ:close

external-link copy
39 : 22

أُذِنَ لِلَّذِينَ يُقَٰتَلُونَ بِأَنَّهُمۡ ظُلِمُواْۚ وَإِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ نَصۡرِهِمۡ لَقَدِيرٌ

Abahabishijwe bagacurwa bufuni na buhoro, bararekuriwe kwivuna umwansi ku rugamba ku mvo z’uko barenganijwe; kandi Imana Allah, mu vy’ukuri Irashoboye kubatabara no gutetereza umwansi wabo[8]; info

[8] Mu kiringo c’imyaka cumi n’itatu abemeramana bamaze i Makka, ntibari barekuriwe na gato kwihora uwubasindiye canke uwubarenganije, ahubwo bari bategetswe kwihangana no kutihora ku bibashikiye vyose. Aho rero Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yimukiye ikava i Makka ikaja i Madina, abislamu na bo bakiyongera igitigiri, Imana Allah Yaciye Ihishura iyi Aayah, Ibarekurira kwirwanako ku rugamba.

التفاسير:

external-link copy
40 : 22

ٱلَّذِينَ أُخۡرِجُواْ مِن دِيَٰرِهِم بِغَيۡرِ حَقٍّ إِلَّآ أَن يَقُولُواْ رَبُّنَا ٱللَّهُۗ وَلَوۡلَا دَفۡعُ ٱللَّهِ ٱلنَّاسَ بَعۡضَهُم بِبَعۡضٖ لَّهُدِّمَتۡ صَوَٰمِعُ وَبِيَعٞ وَصَلَوَٰتٞ وَمَسَٰجِدُ يُذۡكَرُ فِيهَا ٱسۡمُ ٱللَّهِ كَثِيرٗاۗ وَلَيَنصُرَنَّ ٱللَّهُ مَن يَنصُرُهُۥٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَقَوِيٌّ عَزِيزٌ

Abasohowe mu zabo hatisunzwe ukuri, bakomorwa ata kindi bazira atari uko bavuga bati: “Imana yacu Rurema ni Allah”. Iyo hataba ingingo yashinzwe n’Imana Allah yo kurenganura uwarenganijwe ku neza y’idini, hamwe no kwamirira kure inabi mu kurekurira abemeramana kwivuna umwansi ku rugamba, ukuri kwari kuneshwa, ubwononyi na bwo bukiganza kw’isi, maze amasengero[9] n’imisigiti biyagirwamwo kenshi izina ry’Imana Allah, bigasenyurwa. Ni ukuri, Imana Allah Itabara abaharanira idini ryayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa; info

[9] SWAWAAMI’U ni ubwiherero bw’abihebeye Imana. BIYA’U ni isengero ry’abanaswara. SWALAWAATU ni ahantu abayahudi basengera. MASAAJIDI ni ahantu abislamu basengera.

التفاسير:

external-link copy
41 : 22

ٱلَّذِينَ إِن مَّكَّنَّٰهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ أَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتَوُاْ ٱلزَّكَوٰةَ وَأَمَرُواْ بِٱلۡمَعۡرُوفِ وَنَهَوۡاْ عَنِ ٱلۡمُنكَرِۗ وَلِلَّهِ عَٰقِبَةُ ٱلۡأُمُورِ

Barya iyo Twebwe Allah Tubatsimbataje kw’isi, baheza bagatsimbataza amasengesho ku mwanya wayo, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, bakabwiriza no gukora ivyiza[10] bakanabuza no gukora ibibi[11]. Burya rero iherezo ry’ibintu vyose rigenwa n’Imana Allah. info

[10] Mu kwubaha no kwubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa.
[11] Vyabujijwe n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo.

التفاسير:

external-link copy
42 : 22

وَإِن يُكَذِّبُوكَ فَقَدۡ كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ وَعَادٞ وَثَمُودُ

Ntumwa y’Imana! Abantu bawe warungitsweko nibaguhakana bivuye inyuma, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri n’abantu bo hambere yawe barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe; abarungikiwe Nuhu, Bene Aadi barungikiwe Huudi, Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe; info
التفاسير:

external-link copy
43 : 22

وَقَوۡمُ إِبۡرَٰهِيمَ وَقَوۡمُ لُوطٖ

Abantu barungikiwe Ibrahimu n’abarungikiwe Luutwi; info
التفاسير:

external-link copy
44 : 22

وَأَصۡحَٰبُ مَدۡيَنَۖ وَكُذِّبَ مُوسَىٰۖ فَأَمۡلَيۡتُ لِلۡكَٰفِرِينَ ثُمَّ أَخَذۡتُهُمۡۖ فَكَيۡفَ كَانَ نَكِيرِ

Abanya Madiyana bahakanye Shu’ayibu, Musa yahakanywe na Firawuni n’abantu biwe. Nahavuye rero Ntenyenya sinihutira guhana abo bagarariji, hanyuma ni ho Nafata umugwi umwumwe nkawuhana bikwiye. Mbega none ukubihaniza kwanje Jewe Allah ko batogarariza n’uko batokwihakana inema zanje, vyabashikanye kuki atari ibihano! info
التفاسير:

external-link copy
45 : 22

فَكَأَيِّن مِّن قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَا وَهِيَ ظَالِمَةٞ فَهِيَ خَاوِيَةٌ عَلَىٰ عُرُوشِهَا وَبِئۡرٖ مُّعَطَّلَةٖ وَقَصۡرٖ مَّشِيدٍ

Hari uducimbiri twinshi rero twirenganije mu kugarariza, Turaheza Twebwe Allah Duhonya abatubamwo, maze nya ducimbiri dusigara tugaragara ata n’igisanira kiharangwa, amariba bavomamwo arasiba, n’inyubakwa zikomeye zishajije babamwo, ntizabakingiye namba ibihano. info
التفاسير:

external-link copy
46 : 22

أَفَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَتَكُونَ لَهُمۡ قُلُوبٞ يَعۡقِلُونَ بِهَآ أَوۡ ءَاذَانٞ يَسۡمَعُونَ بِهَاۖ فَإِنَّهَا لَا تَعۡمَى ٱلۡأَبۡصَٰرُ وَلَٰكِن تَعۡمَى ٱلۡقُلُوبُ ٱلَّتِي فِي ٱلصُّدُورِ

Mbega abahakanyi ntibaragendagenda kw’isi kugira ngo birabire ibisigarira vy’abahonejwe ngo bagire umutima unyurwa, n’ubwenge bwiyumvira koko, canke ngo bagire amatwi yumva agategera! Burya ubuhumyi nya buhumyi si ubw’amaso, ahubwo nyabuna ubuhumyi nya buhumyi, ni ubw’umutima uri mu gikiriza utanyurwa n’ukuri. info
التفاسير: