[4] Ako ni akarorero k’umuntu aretse kwemera agahitamwo kugarariza.
[5] Muri ivyo bimenyetso vyubahwa bikubahirizwa, ni imigirwa y’ishengerera hamwe n’ibibanza bitandukanye iyo migirwa iberamwo, ibibagwa n’imbagwa.
[6] Hatibagiwe kubeshaho umuryango, gutanga imperezwa mu bikorwa vy’Imana Allah, guha imperezwa abavyeyi mu gihe boba bakenye, n’ibindi.
[7] Ingamiya ibagwa ihagaze ku maguru atatu ukundi kuguru kugira kane kuboshwe, bagaca rero bayicumita inkota mw’izosi igaca igwira urubavu. Ubwo buryo bukoreshwa mu kubaga ingamiya bwitwa “annahr”.