Na Luutwi nyene Twaramuhaye ubutumwa, gutumbereza ingingo n’ubumenyi bw’amabwirizwa yacu, Turanamurokora mu bihano Twahaye ababa mu gacimbiri ka Saduma, bari bimonogoje mu gukora ivyaha vy'agahomerabunwa. Mu vy’ukuri, abantu bo mu gacimbiri ka Saduma barangwa n’ibibi bitagira izina, bari n’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah;
Twaranatunganirije Luutwi inema z’ukumushira mu mpuhwe zacu, maze Tumukura mu bihano vyahitanye abantu biwe; mu vy’ukuri, yari mu beranda bagamburukira Imana Allah.