وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

ژمارەی پەڕە:close

external-link copy
25 : 21

وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ مِن رَّسُولٍ إِلَّا نُوحِيٓ إِلَيۡهِ أَنَّهُۥ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱعۡبُدُونِ

Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa Tugaheza rero Tukayihishurira ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Jewe Allah. Kubera ivyo rero, nimunyiyegereze mu vyo mukora vyose munsenge mutambangikanya. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 21

وَقَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَلَدٗاۗ سُبۡحَٰنَهُۥۚ بَلۡ عِبَادٞ مُّكۡرَمُونَ

Ababangikanyamana bavuze bati: “Nyenimpuhwe Allah, Yarigeneye umwana mu bamalayika”. Nihaninahazwe Imana Allah mu buryo burengeye cane kwitirirwa umwana, ahubwo abamalayika ni abaja bayo batewe iteka; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 21

لَا يَسۡبِقُونَهُۥ بِٱلۡقَوۡلِ وَهُم بِأَمۡرِهِۦ يَعۡمَلُونَ

Bumvira Imana Allah koko, ntibitanganiza kuvuga kiretse ivyo bategetswe na Yo, kandi nta n’ikintu na kimwe bakora batabanje guhabwa uburenganzira na Yo. info
التفاسير:

external-link copy
28 : 21

يَعۡلَمُ مَا بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَمَا خَلۡفَهُمۡ وَلَا يَشۡفَعُونَ إِلَّا لِمَنِ ٱرۡتَضَىٰ وَهُم مِّنۡ خَشۡيَتِهِۦ مُشۡفِقُونَ

Imana Allah, Irazi neza ibikorwa n’abamalayika, muri kahise no muri kazoza kabo. Eka ntibitanganiza kuvugira n’umwe ku vyo yakoze, kiretse uwo Imana Allah Ishimye ko bamuvugira; kandi ku gutinya Imana Allah, barinengesera guca kubiri n’amabwirizwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 21

۞ وَمَن يَقُلۡ مِنۡهُمۡ إِنِّيٓ إِلَٰهٞ مِّن دُونِهِۦ فَذَٰلِكَ نَجۡزِيهِ جَهَنَّمَۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلظَّٰلِمِينَ

No mu gihe vyoshika mu bamalayika hakagira uwinamura akavuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi imana mu gishingo c’Imana Allah”, uyo Twoca Tumuha indishi y’umuriro wa Jahannamu. Ni nk’iyo ndishi nyene y’umuriro rero Duha abirenganya bakabangikanya Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 21

أَوَلَمۡ يَرَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَنَّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ كَانَتَا رَتۡقٗا فَفَتَقۡنَٰهُمَاۖ وَجَعَلۡنَا مِنَ ٱلۡمَآءِ كُلَّ شَيۡءٍ حَيٍّۚ أَفَلَا يُؤۡمِنُونَ

Mbega abagararije bakabangikanya Imana Allah, ntibaramenya ko mu vy’ukuri amajuru n’isi vyari bifatanye[5], maze Twebwe Allah Turaheza Turabifatanura ku bushobozi n'ububasha vyacu, Duca Dutuma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, isi iratotahara, gutyo amazi Tuyagira inkomoko y’ubuzima bw'ikintu ico ari co cose mu binyabuzima! Mbega none abagarariji ntibokwemera ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, maze bakayisenga batayibangikanya! info

[5] Ico gihe nta kirere hagati y’ijuru n’isi cariho ngo hashobore kugwa imvura.

التفاسير:

external-link copy
31 : 21

وَجَعَلۡنَا فِي ٱلۡأَرۡضِ رَوَٰسِيَ أَن تَمِيدَ بِهِمۡ وَجَعَلۡنَا فِيهَا فِجَاجٗا سُبُلٗا لَّعَلَّهُمۡ يَهۡتَدُونَ

Twaremye n’imisozi ishinze imizi nk’imambo mw’isi, kugira nya misozi igumye isi ntihungabanye abayibako; Tubacira n’amayira y’imigenderanire kw’isi, kugira bishire bizane mu kurondera ibibabeshaho, baheze batumbere Imana Imwe Rudende Allah; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 21

وَجَعَلۡنَا ٱلسَّمَآءَ سَقۡفٗا مَّحۡفُوظٗاۖ وَهُمۡ عَنۡ ءَايَٰتِهَا مُعۡرِضُونَ

N’ijuru ryegereye isi, Twarigize igisenge ata nkingi zigifashe, kandi kirakingiwe. Ntigishobora kugwa, vyongeye nta n’amashetani ashobora kukivogera. Hamwe n’ivyo rero, ntibibuza ko abagarariji birengagiza ivyemezo biri muri nya juru; nk’izuba, ukwezi n’inyenyeri vyotuma bemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 21

وَهُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلّٞ فِي فَلَكٖ يَسۡبَحُونَ

Imana Allah rero, ni na Yo Yaremye ijoro kugira muruhuke umuruho wo ku murango; Irema n’umurango, kugira murondere icobabeshaho; Irema n’izuba kugira ribe ikimenyetso kibamurikira ku murango; Iraheza Irema n’ukwezi kugira kube ikimenyetso caka mw’ijoro. Burya rero izuba, ukwezi n’izindi nyenyeri, kimwe cose kirafise inzira-ntasobwa yaco gicamwo. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 21

وَمَا جَعَلۡنَا لِبَشَرٖ مِّن قَبۡلِكَ ٱلۡخُلۡدَۖ أَفَإِيْن مِّتَّ فَهُمُ ٱلۡخَٰلِدُونَ

Ntumwa y’Imana! Aho hambere yawe, nta muntu n’umwe Twahaye kubaho ubuzima bwo kw’isi ata gupfa. Mbega mu gihe wewe wopfa, ni bo rero bobaho ubuzima bwose kw’isi[6]! info

[6] Iyi Aayah, ni icemezo c'uko n’Umuvugishwamana Khadwiri (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yapfuye.

التفاسير:

external-link copy
35 : 21

كُلُّ نَفۡسٖ ذَآئِقَةُ ٱلۡمَوۡتِۗ وَنَبۡلُوكُم بِٱلشَّرِّ وَٱلۡخَيۡرِ فِتۡنَةٗۖ وَإِلَيۡنَا تُرۡجَعُونَ

Zina-kiremwa, ico ari co cose gifise ubuzima kizopfa nta gisivya, n’aho coramba imyaka n’iyindi. Tuzonabagerageza mw’iyubahirizwa ry’amabwirizwa yacu, mu gihe c’amagorwa no mu gihe c’amahirwe mu buzima bwo kw’isi, hanyuma muheze mugaruke iwacu kugira muharurirwe maze muhemberwe ivyo mwakoze. info
التفاسير: