Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - Fassarar Kirundiyanci - Yusuf Ghaiti

Ad-Dwuhaa

external-link copy
1 : 93

وَٱلضُّحَىٰ

Jewe Allah, Ndarahiye ku gihe c’umutaga! info
التفاسير:

external-link copy
2 : 93

وَٱلَّيۡلِ إِذَا سَجَىٰ

No kw’ijoro iyo ripfutse ibiremwa bigaturura! info
التفاسير:

external-link copy
3 : 93

مَا وَدَّعَكَ رَبُّكَ وَمَا قَلَىٰ

Ko Imana yawe Rurema Allah Itaguhevye Muvugishwamana; kandi ko Itanagushavuriye ku guteba kw’ihishurirwa rya Qor’ani. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 93

وَلَلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٞ لَّكَ مِنَ ٱلۡأُولَىٰ

Nta nkeka rero ko ubuzima bwawe bw’inyuma yo gupfa, ari bwiza kurusha ubwo kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 93

وَلَسَوۡفَ يُعۡطِيكَ رَبُّكَ فَتَرۡضَىٰٓ

Kandi nta nkeka ko Imana yawe Rurema Allah, Izoguha vyinshi uzoheza ugashima. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 93

أَلَمۡ يَجِدۡكَ يَتِيمٗا فَـَٔاوَىٰ

Muvugishwamana! Mbega, Imana Allah ntiyagusanze uri impfuvyi, Ikakubungabunga! info
التفاسير:

external-link copy
7 : 93

وَوَجَدَكَ ضَآلّٗا فَهَدَىٰ

Igusanga utazi ico ari co Igitabu, n’ico ari co ukwemera! Iraheza Irakwigisha ivyo utari uzi, Inagushoboza gukora n'ivyiza bitegetswe! info
التفاسير:

external-link copy
8 : 93

وَوَجَدَكَ عَآئِلٗا فَأَغۡنَىٰ

Igusanga ukenye maze Iragukenura, Iguha ukwihangana no kubumbwa n’ivyo ufise! info
التفاسير:

external-link copy
9 : 93

فَأَمَّا ٱلۡيَتِيمَ فَلَا تَقۡهَرۡ

Kubera ivyo rero, ntukaryagumbe impfuvyi ngo uyihahaze. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 93

وَأَمَّا ٱلسَّآئِلَ فَلَا تَنۡهَرۡ

Nayo uwusavye gufashwa canke kwigishwa, ntukamuburabuze, ahubwo muhe unamutunganirize; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 93

وَأَمَّا بِنِعۡمَةِ رَبِّكَ فَحَدِّثۡ

Nayo inema z’Imana yawe Rurema Allah, ziyage ushima. info
التفاسير: