Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - Fassarar Kirundiyanci - Yusuf Ghaiti

Lambar shafi:close

external-link copy
121 : 7

قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose; info
التفاسير:

external-link copy
122 : 7

رَبِّ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ

Imana Rurema ya Musa na murumunawe Haruna”. info
التفاسير:

external-link copy
123 : 7

قَالَ فِرۡعَوۡنُ ءَامَنتُم بِهِۦ قَبۡلَ أَنۡ ءَاذَنَ لَكُمۡۖ إِنَّ هَٰذَا لَمَكۡرٞ مَّكَرۡتُمُوهُ فِي ٱلۡمَدِينَةِ لِتُخۡرِجُواْ مِنۡهَآ أَهۡلَهَاۖ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ

Firawuni n’ishavu n’akantu yaciye avuga ababwira ati: “Mbega mwemeye iyo Mana imbere yuko ndabarekurira kuyemera! Mu vy’ukuri, ukwo kwemera kwanyu, ni umugambi mubi mwateguye mufatanije na Musa, kugira mwomore ababa muri iki gisagara, muheze mucigarurire. Kubera ivyo rero, mugiye kwibonerako ingaruka y’ivyo mwakoze; info
التفاسير:

external-link copy
124 : 7

لَأُقَطِّعَنَّ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَرۡجُلَكُم مِّنۡ خِلَٰفٖ ثُمَّ لَأُصَلِّبَنَّكُمۡ أَجۡمَعِينَ

Ntegerezwa kubaca amaboko n’amaguru binyuranije; ndabace ukuboko kw’ukuryo hamwe n’ukuguru kw’ukubamfu, ukuboko kw’ukubamfu hamwe n’ukuguru kw’ukuryo, hanyuma mpeze ndababambe mwese ku bishitsi vy’igiti”. info
التفاسير:

external-link copy
125 : 7

قَالُوٓاْ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا مُنقَلِبُونَ

Ba bakonikoni baraheza bishura Firawuni batekaniwe bati: “Twebwe mu vy’ukuri, twamaze kumenya ko tuzosubira ku Mana yacu Rurema Allah; info
التفاسير:

external-link copy
126 : 7

وَمَا تَنقِمُ مِنَّآ إِلَّآ أَنۡ ءَامَنَّا بِـَٔايَٰتِ رَبِّنَا لَمَّا جَآءَتۡنَاۚ رَبَّنَآ أَفۡرِغۡ عَلَيۡنَا صَبۡرٗا وَتَوَفَّنَا مُسۡلِمِينَ

Nta n’ico uduhoye kiretse ko twemeye ivyemezo vy’Imana yacu Rurema Allah twashikirijwe na Musa. Mana yacu Rurema Allah! Duhe ukwihangana no gutsimbatara ku kwemera, Wongere Uzoturengutse hageze gupfa turi abislamu bicisha bugufi”. info
التفاسير:

external-link copy
127 : 7

وَقَالَ ٱلۡمَلَأُ مِن قَوۡمِ فِرۡعَوۡنَ أَتَذَرُ مُوسَىٰ وَقَوۡمَهُۥ لِيُفۡسِدُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَيَذَرَكَ وَءَالِهَتَكَۚ قَالَ سَنُقَتِّلُ أَبۡنَآءَهُمۡ وَنَسۡتَحۡيِۦ نِسَآءَهُمۡ وَإِنَّا فَوۡقَهُمۡ قَٰهِرُونَ

Indongozi mu bantu ba Firawuni, zarahejeje zibwira Firawuni ziti: “Ubu urakenyeye ureke Musa n’abamukurikiye muri Bene Israyeli bidegemvye, kugira bonone igihugu ca Misiri mu guhindura idini ryacu, baheze basenge Imana Imwe Rudende Allah, bavavanure n’isengwa ryawe hamwe n’iry’ibigirwamana vyawe!”. Firawuni araheza azishura ati: “Tugiye kubahasha mu kwica abana b’abahungu muri Bene Israyeli, duheze dusigaze gusa abana b’abakobwa kugira tubagire abajakazi bacu, kandi mu vy’ukuri twebwe tuzobatsinda, tubaganze dukoresheje inguvu z’ubutegetsi”. info
التفاسير:

external-link copy
128 : 7

قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِ ٱسۡتَعِينُواْ بِٱللَّهِ وَٱصۡبِرُوٓاْۖ إِنَّ ٱلۡأَرۡضَ لِلَّهِ يُورِثُهَا مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦۖ وَٱلۡعَٰقِبَةُ لِلۡمُتَّقِينَ

Musa na we araheza abwira abantu biwe muri Bene Israyeli ati: “Nimwifashishe Imana Allah mu guhangana n’agacinyizo ka Firawuni n’abantu biwe, muheze mwihanganire amabi yose abakorera. Mu vy’ukuri, isi ni iy’Imana Allah, Iyitsimbatazako uwo Ishatse mu baja bayo. Burya amaherezo meza, ni ay’abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo”. info
التفاسير:

external-link copy
129 : 7

قَالُوٓاْ أُوذِينَا مِن قَبۡلِ أَن تَأۡتِيَنَا وَمِنۢ بَعۡدِ مَا جِئۡتَنَاۚ قَالَ عَسَىٰ رَبُّكُمۡ أَن يُهۡلِكَ عَدُوَّكُمۡ وَيَسۡتَخۡلِفَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرَ كَيۡفَ تَعۡمَلُونَ

Abantu ba Musa muri Bene Israyeli, baraheza bamubwira n’umwiheburo n’akantu bati: “Twarageragejwe na Firawuni, turabangamirwa mu kwicirwa abana bacu b’abahungu, hagasigazwa abana bacu b’abakobwa bagirwa abajakazi. Ivyo vyadushikiye imbere yuko uza n’inyuma y’aho uziye”. Musa ababwira ati: “Hari n’aho Imana yanyu Rurema Allah Yohonya abansi banyu, maze mukabasubirira, Imana Allah Ikabatsimbataza kw’isi kugira Irabe uko mwigenza; ko mwoshima ingabirano zayo canke mukazigarariza!”. info
التفاسير:

external-link copy
130 : 7

وَلَقَدۡ أَخَذۡنَآ ءَالَ فِرۡعَوۡنَ بِٱلسِّنِينَ وَنَقۡصٖ مِّنَ ٱلثَّمَرَٰتِ لَعَلَّهُمۡ يَذَّكَّرُونَ

Ni ukuri, Twebwe Allah Twaragerageje Firawuni n’abantu biwe, Turaheza Tubahanisha inzara, amapfa no gukehanirwa n’umwimbu w’ivyamwa n’ibiterwa mbumbarugo, kugira bikebuke, bagaruke ku Mana Allah. info
التفاسير: