[1] Abayahudi bo mu muryango wa Bene Al-Nadwiir, ni bo bayahudi ba mbere bakuwe mu zabo mu Kigobe c'Abarabu, baca bimukira muri Shaamu.
[2] Incuti za hafi mu muryango w'Intumwa, ni abakomoka kuri Bene Haashimu na Bene Al-Muttwalib.
[3] Iyi Aayah, irigisha ko umwislamu ategerezwa gukunda abamutanze kwemera mu ngendanyi z'Intumwa, akama aziyaga neza, akanazisabira ku Mana Allah; no mu gihe hagize iyivuzwe muri zo, akayisabira ati: "RADWIYA LLAAHU AN-HU" (Imana Allah Imwishimire).
[4] Abayahudi bo mu muryango wa Bene Al-Nadwiir.
[5] Imana Allah Itekanisha Intumwa n’Abavugishwamana, Ikanabatsimbataza mu kubahishurira amabwirizwa n’ibitangaro.
[6] Mu kurereka ibiremwa hamwe n’ivyo bikora.
[7] Nta kinanira Imana Allah, haba kw’isi canke mu majuru.