Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - Fassarar Kirundiyanci - Yusuf Ghaiti

Lambar shafi:close

external-link copy
50 : 40

قَالُوٓاْ أَوَلَمۡ تَكُ تَأۡتِيكُمۡ رُسُلُكُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِۖ قَالُواْ بَلَىٰۚ قَالُواْ فَٱدۡعُواْۗ وَمَا دُعَٰٓؤُاْ ٱلۡكَٰفِرِينَ إِلَّا فِي ضَلَٰلٍ

Abamalayika bazobishura n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega none, ntimwashikiriwe n’Intumwa zanyu mwarungikiwe, zikaza zibangikanije ivyemezo bitomoye, mukazihakana mwivuye inyuma!”. Na bo bazoheza bemange bati: “Ego cane zaradushikiriye!”. Ni ho ba bamalayika bazoca babiyama bati: “Kubera ivyo rero, twebwe ntiturota tubasabira, enda nimwisabire mwebwe nyene, ariko rero ntimwumvirwa ngo mutezurirwe kuko muri abagarariji, burya igisabisho c’abagarariji nta co kibashikanako, kiretse ko kiba impfagusa”. info
التفاسير:

external-link copy
51 : 40

إِنَّا لَنَنصُرُ رُسُلَنَا وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَيَوۡمَ يَقُومُ ٱلۡأَشۡهَٰدُ

Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ni ukuri Turatabara Intumwa zacu hamwe n’abemeramana bazikurikiye, Tukabatera n’intege mu kwiganzura ababageramiye mu buzima bwo kw’isi. Ku musi w’izuka naho, abamalayika, Abavugishwamana n’abemeramana bazoba ivyabona, ko abahakanye bashikirijwe koko ubutumwa, baraheza barabuhakana; info
التفاسير:

external-link copy
52 : 40

يَوۡمَ لَا يَنفَعُ ٱلظَّٰلِمِينَ مَعۡذِرَتُهُمۡۖ وَلَهُمُ ٱللَّعۡنَةُ وَلَهُمۡ سُوٓءُ ٱلدَّارِ

Umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa rero, ivyireguzo vy’abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, nta co bizobamarira, baranagenewe ivumwe hamwe n’iherezo ribi mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
53 : 40

وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡهُدَىٰ وَأَوۡرَثۡنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱلۡكِتَٰبَ

Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa uburongozi muri Tawurati hamwe n’ibitangaro bishikana ku kuri; Turanaraga Bene Israyeli Igitabu ca Tawurati bagenda bahererekana uruvyaro ku rundi; info
التفاسير:

external-link copy
54 : 40

هُدٗى وَذِكۡرَىٰ لِأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ

Kugira nya Gitabu kibarongore mu nzira nziza y’ubugororotsi, giheze kibere n’urwibutso incabwenge koko. info
التفاسير:

external-link copy
55 : 40

فَٱصۡبِرۡ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞ وَٱسۡتَغۡفِرۡ لِذَنۢبِكَ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ بِٱلۡعَشِيِّ وَٱلۡإِبۡكَٰرِ

Ntumwa y’Imana! Niwirengagize rero ibangamira ry’ababangikanyamana, maze wihangane, uheze ushishikare irarikiramana, mu vy’ukuri isezerano ry’intsinzi wahawe n’Imana Allah, ni iry’ukuri; uheze usabe ikigongwe ku vyaha vyawe, wongere ushishikare kuninahaza mu gushimagiza Imana yawe Rurema Allah umugoroba n’igitondo. info
التفاسير:

external-link copy
56 : 40

إِنَّ ٱلَّذِينَ يُجَٰدِلُونَ فِيٓ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ بِغَيۡرِ سُلۡطَٰنٍ أَتَىٰهُمۡ إِن فِي صُدُورِهِمۡ إِلَّا كِبۡرٞ مَّا هُم بِبَٰلِغِيهِۚ فَٱسۡتَعِذۡ بِٱللَّهِۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡبَصِيرُ

Mu vy’ukuri, abaharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ni ukuri baharira mu ntumbero yo kuburagiza ukuri ata n’icemezo bahawe gishingiye ku bumenyi, nta kiri mu gikiriza cabo, kiretse amanyama yo guhonyanga ukuri bakubona, ku gusharika Umuvugishwamana Muhamadi kw’iteka ry’ubutumwa yahawe, ivyo bikaba ata co bizobashikanako. Ntumwa y’Imana! Niwikinge ku Mana Allah Igukingire ishari ryabo, mu vy’ukuri ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
57 : 40

لَخَلۡقُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ أَكۡبَرُ مِنۡ خَلۡقِ ٱلنَّاسِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ

Ni ukuri iremwa ry’amajuru n’isi, rirahambaye kuruta iremwa ry’abantu n’isubizwa ry’ubuzima bwabo bakazuka kandi baramaze guhwera, ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ko iremwa ry’ivyo vyose ryoroshe ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
58 : 40

وَمَا يَسۡتَوِي ٱلۡأَعۡمَىٰ وَٱلۡبَصِيرُ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَلَا ٱلۡمُسِيٓءُۚ قَلِيلٗا مَّا تَتَذَكَّرُونَ

Nta ho vyakabaye ko impumyi n’uwubona bonganya ubutore. Ni nk’uko nyene rero abemeye ko Allah ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa, bakumvira n’Intumwa zayo, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, ata ho banganiye mu butore n’abatemera ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bagahakana n’Intumwa zayo, bakarenga no ku mabwirizwa yayo. Bantu! Burya ni gake mwibuka ivyemezo vy’Imana Allah, mukanyurwa. info
التفاسير: