Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - Fassarar Kirundiyanci - Yusuf Ghaiti

Yuusuf

external-link copy
1 : 12

الٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ

Alif Laam Raa[1]. Izi ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco. info

[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 12

إِنَّآ أَنزَلۡنَٰهُ قُرۡءَٰنًا عَرَبِيّٗا لَّعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ

Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamanuye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu kugira mutahure mubone kwubahiriza ibirimwo. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 12

نَحۡنُ نَقُصُّ عَلَيۡكَ أَحۡسَنَ ٱلۡقَصَصِ بِمَآ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ وَإِن كُنتَ مِن قَبۡلِهِۦ لَمِنَ ٱلۡغَٰفِلِينَ

Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Tugucira agace ku vyabaye Tukabiguhishurira muri Qor’ani, nta n’ico wari ubiziko imbere yuko Tuguhishurira Tukabikwiganira. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 12

إِذۡ قَالَ يُوسُفُ لِأَبِيهِ يَٰٓأَبَتِ إِنِّي رَأَيۡتُ أَحَدَ عَشَرَ كَوۡكَبٗا وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَ رَأَيۡتُهُمۡ لِي سَٰجِدِينَ

Ntumwa y’Imana! Iganira abantu warungitsweko ijambo Yusufu yabwiye se ati: “Da! Ni ukuri, narose mbona inyenyeri cumi n’imwe, izuba hamwe n’ukwezi, narose mbona vyose binyubamira[2]”. info

[2] Iyi ndoto, yabura inkuru nziza ku cubahiro n’iteka ridasanzwe Yusufu yahawe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

التفاسير: