[380] Ico gihe yari mu nzira asubira muri Misiri (Egiputa).
[381] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ivuga mu buryo buberanye n’icubahiro n’ubumana bwayo.
[382] Nka Ibrahimu mwene Sam mwene Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
[383] Nka Ismayili, Is-haka na Yakubu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).
[384] Ari we batazira Israyeli. Intumwa zimukomokako, ni nka Musa, Haruna, Zakariya, Yahya na Isa mwene Mariyamu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).
[385] Iyo uhejeje gusoma iyi Aayah, uca wubama incuro imwe.
[386] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yari yabajije umumalayika Jibrili igituma hari igihe ateba kumanuka aje kumuhishurira Qor’ani.
[387] Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ikintu ico ari co cose, kibaye ku mwanya uwo ari wo wose, kibereye ahantu aho ari ho hose.