ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى

شماره صفحه:close

external-link copy
52 : 19

وَنَٰدَيۡنَٰهُ مِن جَانِبِ ٱلطُّورِ ٱلۡأَيۡمَنِ وَقَرَّبۡنَٰهُ نَجِيّٗا

Twebwe Allah, Twarahamagaye Musa ari amaja mu kabande k’umusozi Twuuri wari iburyo bwiwe[380], maze Tumutera iteka ryo kuvugana na Twe Allah ukuri kwamye[381]. info

[380] Ico gihe yari mu nzira asubira muri Misiri (Egiputa).
[381] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ivuga mu buryo buberanye n’icubahiro n’ubumana bwayo.

التفاسير:

external-link copy
53 : 19

وَوَهَبۡنَا لَهُۥ مِن رَّحۡمَتِنَآ أَخَاهُ هَٰرُونَ نَبِيّٗا

Twaranahaye Musa ku mpuhwe zacu uwumufasha, maze Tumugirira murumunawe Haruna Umuvugishwamana. info
التفاسير:

external-link copy
54 : 19

وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ إِسۡمَٰعِيلَۚ إِنَّهُۥ كَانَ صَادِقَ ٱلۡوَعۡدِ وَكَانَ رَسُولٗا نَّبِيّٗا

Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Ismayili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Ismayili yari imvugakuri ishitsa ivyo yiyemeje, yari n’Intumwa akaba n’Umuvugishwamana. info
التفاسير:

external-link copy
55 : 19

وَكَانَ يَأۡمُرُ أَهۡلَهُۥ بِٱلصَّلَوٰةِ وَٱلزَّكَوٰةِ وَكَانَ عِندَ رَبِّهِۦ مَرۡضِيّٗا

Yaranabwiriza n’umuryango wiwe gutsimbataza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa, yari n’umuntu ashimwa n’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
56 : 19

وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ إِدۡرِيسَۚ إِنَّهُۥ كَانَ صِدِّيقٗا نَّبِيّٗا

Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Idrisa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Idrisa yari imvugakuri koko, akaba n’Umuvugishwamana. info
التفاسير:

external-link copy
57 : 19

وَرَفَعۡنَٰهُ مَكَانًا عَلِيًّا

Twaranadugirije Idrisa icubahiro mu kuyagwa neza n’ibiremwa. info
التفاسير:

external-link copy
58 : 19

أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ أَنۡعَمَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ مِن ذُرِّيَّةِ ءَادَمَ وَمِمَّنۡ حَمَلۡنَا مَعَ نُوحٖ وَمِن ذُرِّيَّةِ إِبۡرَٰهِيمَ وَإِسۡرَٰٓءِيلَ وَمِمَّنۡ هَدَيۡنَا وَٱجۡتَبَيۡنَآۚ إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُ ٱلرَّحۡمَٰنِ خَرُّواْۤ سُجَّدٗاۤ وَبُكِيّٗا۩

Ntumwa y’Imana! Abo Tukwiganiye rero inkuru zabo, ni bo Imana Allah Yahaye inema zayo, maze Ibagira Abavugishwamana mu ruvyaro rwa Adamu; nka Idrisa (nyakugira amahoro y'Imana Allah), mu ruvyaro rukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu[382] (nyakugira amahoro y’Imana Allah), mu ruvyaro rwa Ibrahimu[383] no mu ruvyaro rwa Yakubu[384] (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), no mu bo Twarongoye mu nzira yo kwemera Tukabatora kuba Intumwa n’Abavugishwamana. Iyo rero basomewe Aayah za Nyenimpuhwe Allah, bashoka bubama ku ruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah, bakorora n’amosozi ku kuyitinya[385]. info

[382] Nka Ibrahimu mwene Sam mwene Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
[383] Nka Ismayili, Is-haka na Yakubu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).
[384] Ari we batazira Israyeli. Intumwa zimukomokako, ni nka Musa, Haruna, Zakariya, Yahya na Isa mwene Mariyamu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).
[385] Iyo uhejeje gusoma iyi Aayah, uca wubama incuro imwe.

التفاسير:

external-link copy
59 : 19

۞ فَخَلَفَ مِنۢ بَعۡدِهِمۡ خَلۡفٌ أَضَاعُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَٱتَّبَعُواْ ٱلشَّهَوَٰتِۖ فَسَوۡفَ يَلۡقَوۡنَ غَيًّا

Mu nyuma y’abo rero, haraje abantu b’ibigaba batitwararika gutsimbataza isengesho, bagakurikira ingingo zihuye n’ivyipfuzo vyabo; bitebe bitebuke rero, bazokwibonerako mu muriro wa Jahannamu. info
التفاسير:

external-link copy
60 : 19

إِلَّا مَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَأُوْلَٰٓئِكَ يَدۡخُلُونَ ٱلۡجَنَّةَ وَلَا يُظۡلَمُونَ شَيۡـٔٗا

Ariko uwuzokwisubirako muri bo akigaya, agaheza akemera agakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, uyo azoba ari mu bantu Imana Allah Yemereye ukwigaya kwabo, bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ntibazonarenganywa na gato ku ndishi y’ivyo bakoze; info
التفاسير:

external-link copy
61 : 19

جَنَّٰتِ عَدۡنٍ ٱلَّتِي وَعَدَ ٱلرَّحۡمَٰنُ عِبَادَهُۥ بِٱلۡغَيۡبِۚ إِنَّهُۥ كَانَ وَعۡدُهُۥ مَأۡتِيّٗا

Bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, ari na Bwo Nyenimpuhwe Allah Yasezeraniye abaja bayo ko bazobwinjira, bakabwemera bataranabubona n’amaso. Mu vy’ukuri, isezerano rya Nyenimpuhwe Allah, ritegerezwa gushika. info
التفاسير:

external-link copy
62 : 19

لَّا يَسۡمَعُونَ فِيهَا لَغۡوًا إِلَّا سَلَٰمٗاۖ وَلَهُمۡ رِزۡقُهُمۡ فِيهَا بُكۡرَةٗ وَعَشِيّٗا

Muri nya Bwami bw’ijuru rero, ntibazokwigera bumva amajambo y’imburakimazi (ataroranye), kiretse gusa ijambo ry’indamutso y’amahoro, bazoronswa muri nya Bwami bw’ijuru imfungurwa n’ibinyobwa vyamaho igitondo n’umugoroba, igihe cose babishakiye. info
التفاسير:

external-link copy
63 : 19

تِلۡكَ ٱلۡجَنَّةُ ٱلَّتِي نُورِثُ مِنۡ عِبَادِنَا مَن كَانَ تَقِيّٗا

Ubwo Bwami bw’ijuru butunganijwe ukwo, ni bwo Bwami Twebwe Allah Twageneye uwo wese mu baja bacu, azoba ari umugamburukiramana. info
التفاسير:

external-link copy
64 : 19

وَمَا نَتَنَزَّلُ إِلَّا بِأَمۡرِ رَبِّكَۖ لَهُۥ مَا بَيۡنَ أَيۡدِينَا وَمَا خَلۡفَنَا وَمَا بَيۡنَ ذَٰلِكَۚ وَمَا كَانَ رَبُّكَ نَسِيّٗا

Mumalayika Jibrili! Bwira Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) uti[386]: “Burya twebwe abamalayika, ntituva mw’ijuru ngo tumanuke kw’isi, kiretse kw’itegeko duhawe n’Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Rugaba w’ivyo twimirije muri kazoza mu buzima bw’inyuma yo gupfa, n’ivyo twarenganye muri kahise mu buzima bwo kw’isi, n’ibizoba rero hagati yavyo[387] ; kandi Imana yawe Rurema Allah ntiyibagira ikintu na kimwe; info

[386] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yari yabajije umumalayika Jibrili igituma hari igihe ateba kumanuka aje kumuhishurira Qor’ani.
[387] Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ikintu ico ari co cose, kibaye ku mwanya uwo ari wo wose, kibereye ahantu aho ari ho hose.

التفاسير: