ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى

external-link copy
64 : 19

وَمَا نَتَنَزَّلُ إِلَّا بِأَمۡرِ رَبِّكَۖ لَهُۥ مَا بَيۡنَ أَيۡدِينَا وَمَا خَلۡفَنَا وَمَا بَيۡنَ ذَٰلِكَۚ وَمَا كَانَ رَبُّكَ نَسِيّٗا

Mumalayika Jibrili! Bwira Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) uti[386]: “Burya twebwe abamalayika, ntituva mw’ijuru ngo tumanuke kw’isi, kiretse kw’itegeko duhawe n’Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Rugaba w’ivyo twimirije muri kazoza mu buzima bw’inyuma yo gupfa, n’ivyo twarenganye muri kahise mu buzima bwo kw’isi, n’ibizoba rero hagati yavyo[387] ; kandi Imana yawe Rurema Allah ntiyibagira ikintu na kimwe; info

[386] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yari yabajije umumalayika Jibrili igituma hari igihe ateba kumanuka aje kumuhishurira Qor’ani.
[387] Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ikintu ico ari co cose, kibaye ku mwanya uwo ari wo wose, kibereye ahantu aho ari ho hose.

التفاسير: