ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى

Mar-yam

external-link copy
1 : 19

كٓهيعٓصٓ

Kaaf Haa Yaa ’Aiin Swaad[376]. info

[376] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 19

ذِكۡرُ رَحۡمَتِ رَبِّكَ عَبۡدَهُۥ زَكَرِيَّآ

Tugira Tugucire ku mayange ku bijanye n’impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah ku Muja wayo Zakariya[377]; info

[377] Ni Umuvugishwamana muri Bene Israyeli, yari umubaji akaba n’umugabo wa nyinabo w’Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).

التفاسير:

external-link copy
3 : 19

إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥ نِدَآءً خَفِيّٗا

Igihe yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, akayisaba mw’ibanga nta ngere aho yari yiherereye kugira Imwumvire; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 19

قَالَ رَبِّ إِنِّي وَهَنَ ٱلۡعَظۡمُ مِنِّي وَٱشۡتَعَلَ ٱلرَّأۡسُ شَيۡبٗا وَلَمۡ أَكُنۢ بِدُعَآئِكَ رَبِّ شَقِيّٗا

Agaheza akavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri ngeze mu zabukuru, amagufa y’umubiri yaramaze guturagara, n’umutwe wose ntiworaba n’imvi zigendera, kandi sinigeze ndeka kwemererwa igisabo ndagusavye Mana yanje Rurema Allah; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 19

وَإِنِّي خِفۡتُ ٱلۡمَوَٰلِيَ مِن وَرَآءِي وَكَانَتِ ٱمۡرَأَتِي عَاقِرٗا فَهَبۡ لِي مِن لَّدُنكَ وَلِيّٗا

Mu vy’ukuri, ndafise impungenge ko abo nzoraga inyuma y’urupfu rwanje, batazoshobora guhagararira bikwiye idini ryawe mu kurarikira abantu kuryemera, bitayeko n’umukenyezi wanje na we akaba ari ingumba, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa akambera n’umufasha; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 19

يَرِثُنِي وَيَرِثُ مِنۡ ءَالِ يَعۡقُوبَۖ وَٱجۡعَلۡهُ رَبِّ رَضِيّٗا

Akazotorana ubutumwa bwanje n’ubutumwa bwa Bene Yakubu; kandi ndagusavye Mana yanje Rurema Allah, Uzomugire umwana Ushimishwa n’ivyo akora, agashimwa n’abantu”. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 19

يَٰزَكَرِيَّآ إِنَّا نُبَشِّرُكَ بِغُلَٰمٍ ٱسۡمُهُۥ يَحۡيَىٰ لَمۡ نَجۡعَل لَّهُۥ مِن قَبۡلُ سَمِيّٗا

Ni ho rero Imana Allah Yahamagara Iti: “Ewe Zakariya! Twebwe Allah, ni ukuri Twakwumviye igisabisho cawe, Turaguhaye inkuru nziza y’ihumure ko uzokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Yahya, iryo zina ntitwigeze Turyita umuntu n’umwe aho hambere ngo abe mazina yiwe”. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 19

قَالَ رَبِّ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي غُلَٰمٞ وَكَانَتِ ٱمۡرَأَتِي عَاقِرٗا وَقَدۡ بَلَغۡتُ مِنَ ٱلۡكِبَرِ عِتِيّٗا

Zakariya araheza aritangaza ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nibaruka umwana w’umuhungu, kandi n’umukenyezi wanje ari ingumba, bitayeko nkaba nanje naramaze gusaza!”. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 19

قَالَ كَذَٰلِكَ قَالَ رَبُّكَ هُوَ عَلَيَّ هَيِّنٞ وَقَدۡ خَلَقۡتُكَ مِن قَبۡلُ وَلَمۡ تَكُ شَيۡـٔٗا

Umumalayika yishuye Zakariya ati: “N’aho biri nk’ukwo ubivuze, Imana yawe Rurema Allah Yavuze Iti: “Irema rya Yahya riroroshe cane kuri Jewe. Ni ukuri, Naranakuremye wewe imbere y’irema rya Yahya kandi utari bwabeho””. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 19

قَالَ رَبِّ ٱجۡعَل لِّيٓ ءَايَةٗۖ قَالَ ءَايَتُكَ أَلَّا تُكَلِّمَ ٱلنَّاسَ ثَلَٰثَ لَيَالٖ سَوِيّٗا

Zakariya yashotse avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngirira rero ikimenyetso nzomenyerako ko umukenyezi wanje yamaze gusama!”. Imana Allah Yamubwiye Iti: “Ikimenyetso Ndakugiriye, ni uko utazoshobora kuvugana n’abantu mu kiringo c’amajoro atatu n’imirango yayo, bidaturutse ku ndwara”. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 19

فَخَرَجَ عَلَىٰ قَوۡمِهِۦ مِنَ ٱلۡمِحۡرَابِ فَأَوۡحَىٰٓ إِلَيۡهِمۡ أَن سَبِّحُواْ بُكۡرَةٗ وَعَشِيّٗا

Ni ho rero Zakariya yava aho yari yiherereye, araheza aja aho abantu bamubona aca abereka n’ukuboko ati: “Nimuninahaze mwongere mutazire Imana Allah igitondo n’umugoroba, mu ntumbero yo kuyishimira”. info
التفاسير: