Qurani Kərimin mənaca tərcüməsi - Kirundi dilinə tərcümə - Yusif Qəhiti.

Səhifənin rəqəmi:close

external-link copy
38 : 7

قَالَ ٱدۡخُلُواْ فِيٓ أُمَمٖ قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِكُم مِّنَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ فِي ٱلنَّارِۖ كُلَّمَا دَخَلَتۡ أُمَّةٞ لَّعَنَتۡ أُخۡتَهَاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا ٱدَّارَكُواْ فِيهَا جَمِيعٗا قَالَتۡ أُخۡرَىٰهُمۡ لِأُولَىٰهُمۡ رَبَّنَا هَٰٓؤُلَآءِ أَضَلُّونَا فَـَٔاتِهِمۡ عَذَابٗا ضِعۡفٗا مِّنَ ٱلنَّارِۖ قَالَ لِكُلّٖ ضِعۡفٞ وَلَٰكِن لَّا تَعۡلَمُونَ

Imana Allah Izobabwira ku musi w’izuka Iti: “Nimwinjire rero mu muriro muri kumwe n’iyindi migwi y’abagarariji b’aho hambere yanyu mu majini n’abantu”. Uko umugwi wose warungikiwe Intumwa winjiye mu muriro, ni ko uzota imiragwe ku wundi mugwi wawuhubishije gushika n’aho imigwi yose ihurira mu muriro. Ni ho rero umugwi wahuvye uzoca usabira ibihano ruhasha umugwi wawuhubishije uti: “Mana yacu Rurema Allah! Aba, ni bo baduhubishije inzira yawe igororotse, kubera ivyo rero, bahe ibihano bigwijwe kenshi”. Imana Allah Izobishura Iti: “Burya umugwi wose muri mwebwe no muri bo, urafise ibihano bigwijwe kenshi, ariko nta vyo muzi”. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 7

وَقَالَتۡ أُولَىٰهُمۡ لِأُخۡرَىٰهُمۡ فَمَا كَانَ لَكُمۡ عَلَيۡنَا مِن فَضۡلٖ فَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡسِبُونَ

Umugwi w’abahubishije abandi na wo, uzobwira umugwi w’abahubishijwe uti: “Nta butore twabasumvya, twese twari mu buhuvyi butuma duhanwa kumwe”. Imana Allah Izoheza Ibabwire Iti: “Nimuhonje rero ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, bitewe n'ivyaha vy'ivyo mwari mwararondeye kw’isi”. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 7

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَٱسۡتَكۡبَرُواْ عَنۡهَا لَا تُفَتَّحُ لَهُمۡ أَبۡوَٰبُ ٱلسَّمَآءِ وَلَا يَدۡخُلُونَ ٱلۡجَنَّةَ حَتَّىٰ يَلِجَ ٱلۡجَمَلُ فِي سَمِّ ٱلۡخِيَاطِۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُجۡرِمِينَ

Mu vy’ukuri, abagarariji bahakanye bivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vyacu vyerekana isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, bakanagira amanyama mu kuvyirengagiza, ibikorwa bakoze kw’isi, eka n’imishaha yabo igihe co gupfa, ntibizokwugururirwa imiryango y’ijuru, eka na bo nyene ntibazokwinjira mu Bwami bw’ijuru ingamiya itabanje kwinjira mu ntoboro y’urushinge[11]. Ivyo na vyo bikaba bitoshoboka. Ni nk’ukwo rero Twebwe Allah Duhemba inkozi z’ikibi. info

[11] Kurya rero bitoshoboka ko ingamiya yinjira mu ntoboro y’urushinge, ni ko n'abagarariji batokwinjira mu Bwami bw’ijuru.

التفاسير:

external-link copy
41 : 7

لَهُم مِّن جَهَنَّمَ مِهَادٞ وَمِن فَوۡقِهِمۡ غَوَاشٖۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلظَّٰلِمِينَ

Bazokwinjira rero mu muriro wa Jahannamu, ukaba ari na wo bategekanirijwe kuba ubusaswa n’ivyo kwipfuka. Ni nk’ivyo bihano rero Twebwe Allah Duha abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa yacu. info
التفاسير:

external-link copy
42 : 7

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَا نُكَلِّفُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ

Abemeye Imana Allah bakanakora n'ivyiza bitegetswe uko bashoboye, kanatsinda Twebwe Allah ntidutegeka umuntu kiretse ivyo ashoboye, abo ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera. info
التفاسير:

external-link copy
43 : 7

وَنَزَعۡنَا مَا فِي صُدُورِهِم مِّنۡ غِلّٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهِمُ ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ وَقَالُواْ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي هَدَىٰنَا لِهَٰذَا وَمَا كُنَّا لِنَهۡتَدِيَ لَوۡلَآ أَنۡ هَدَىٰنَا ٱللَّهُۖ لَقَدۡ جَآءَتۡ رُسُلُ رَبِّنَا بِٱلۡحَقِّۖ وَنُودُوٓاْ أَن تِلۡكُمُ ٱلۡجَنَّةُ أُورِثۡتُمُوهَا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Tuzoheza rero Dukure inzigo y’inzikira mu mishaha yabo. Muri ubwo Bwami bw’ijuru, musi y’inyubakwa zabwo hatemba inzuzi. Abari muri bwo bazovuga bashima bati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yadushoboje gukora ibikorwa vyiza bidushikana ku nema zayo, ntitwari kwishoboza na gato gutumbera inzira igororotse, iyo Imana Allah Itabidushoboza, Ikabidutsimbatazako. Ni ukuri, Intumwa z’Imana yacu Rurema Allah zaje zivugisha ukuri mu vyo zashikirije”. Abemeramana bazoheza bakezwe bahamagarwe bati: “Ubwo, ni bwa Bwami bw’ijuru mwarazwe ku mpuhwe z’Imana Allah ku vyiza mwari mwarakoze kw'isi”. info
التفاسير: