ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - يوسف غهيتي
سورة المرسلات - Al-Mursalaat
1:77
وَٱلۡمُرۡسَلَٰتِ عُرۡفٗا
Jewe Allah, Ndarahiye ku miyaga y’urukurikirane!
التفاسير:
2:77
فَٱلۡعَٰصِفَٰتِ عَصۡفٗا
No ku miyaga y’igihuhusi!
التفاسير:
3:77
وَٱلنَّٰشِرَٰتِ نَشۡرٗا
No ku bamalayika bajejwe ikwiragiza ry’ibicu vy’imvura mu kirere!
التفاسير:
4:77
فَٱلۡفَٰرِقَٰتِ فَرۡقٗا
No ku bamalayika bajana ijambo ry’Imana Allah ritandukanya ukuri n’ikinyoma, rigatandukanya ikirekuwe n’ikizira!
التفاسير:
5:77
فَٱلۡمُلۡقِيَٰتِ ذِكۡرًا
No ku bamalayika bashikiriza ubutumwa barungikanwe ku Ntumwa z’Imana Allah;
التفاسير:
6:77
عُذۡرًا أَوۡ نُذۡرًا
Kugira ngo bakureho ivyitwazo ku bagarariji, babagabishe no ku bihano vy’Imana Allah!
التفاسير:
7:77
إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَوَٰقِعٞ
Mu vy’ukuri ibi vyose mwagabishijweko[1], nta nkeka ko bizoba ata gisivya.
[1] Mu vyerekeye izuka ry’ibiremwa, iharurirwa ryavyo, no ku vyerekeye impera y’umwe wese ku co yakoze. Ivyo vyose rero, nta nkeka ko bitegerezwa kuba.
التفاسير:
8:77
فَإِذَا ٱلنُّجُومُ طُمِسَتۡ
Igihe inyenyeri zazimye, ntizisubire kwaka;
التفاسير:
9:77
وَإِذَا ٱلسَّمَآءُ فُرِجَتۡ
Igihe n’ijuru ryase imigaga;
التفاسير:
10:77
وَإِذَا ٱلۡجِبَالُ نُسِفَتۡ
Igihe n’imisozi yanyitse;
التفاسير:
11:77
وَإِذَا ٱلرُّسُلُ أُقِّتَتۡ
Igihe n’Intumwa z’Imana zahawe umwanya wo kwagiriza abo zarungitsweko;
التفاسير:
12:77
لِأَيِّ يَوۡمٍ أُجِّلَتۡ
Ni ku musi uwuhe zirindirijweko kubagiriza?
التفاسير:
13:77
لِيَوۡمِ ٱلۡفَصۡلِ
Ni ku musi w’ubutungane ku biremwa.
التفاسير:
14:77
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ
Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’ubutungane uwo ari wo?
التفاسير:
15:77
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero.
التفاسير:
16:77
أَلَمۡ نُهۡلِكِ ٱلۡأَوَّلِينَ
Mbega, ntitwahoneje abahakanyi b’aho hambere ku kubera igarariza ryabo ry’Intumwa!
التفاسير:
17:77
ثُمَّ نُتۡبِعُهُمُ ٱلۡأٓخِرِينَ
Hanyuma Tubakurikiza abandi bakurikiye mu nyuma, bakagarariza nkabo!