《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。

Al-Mursalaat

external-link copy
1 : 77

وَٱلۡمُرۡسَلَٰتِ عُرۡفٗا

Jewe Allah, Ndarahiye ku miyaga y’urukurikirane! info
التفاسير:

external-link copy
2 : 77

فَٱلۡعَٰصِفَٰتِ عَصۡفٗا

No ku miyaga y’igihuhusi! info
التفاسير:

external-link copy
3 : 77

وَٱلنَّٰشِرَٰتِ نَشۡرٗا

No ku bamalayika bajejwe ikwiragiza ry’ibicu vy’imvura mu kirere! info
التفاسير:

external-link copy
4 : 77

فَٱلۡفَٰرِقَٰتِ فَرۡقٗا

No ku bamalayika bajana ijambo ry’Imana Allah ritandukanya ukuri n’ikinyoma, rigatandukanya ikirekuwe n’ikizira! info
التفاسير:

external-link copy
5 : 77

فَٱلۡمُلۡقِيَٰتِ ذِكۡرًا

No ku bamalayika bashikiriza ubutumwa barungikanwe ku Ntumwa z’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 77

عُذۡرًا أَوۡ نُذۡرًا

Kugira ngo bakureho ivyitwazo ku bagarariji, babagabishe no ku bihano vy’Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
7 : 77

إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَوَٰقِعٞ

Mu vy’ukuri ibi vyose mwagabishijweko[1], nta nkeka ko bizoba ata gisivya. info

[1] Mu vyerekeye izuka ry’ibiremwa, iharurirwa ryavyo, no ku vyerekeye impera y’umwe wese ku co yakoze. Ivyo vyose rero, nta nkeka ko bitegerezwa kuba.

التفاسير:

external-link copy
8 : 77

فَإِذَا ٱلنُّجُومُ طُمِسَتۡ

Igihe inyenyeri zazimye, ntizisubire kwaka; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 77

وَإِذَا ٱلسَّمَآءُ فُرِجَتۡ

Igihe n’ijuru ryase imigaga; info
التفاسير:

external-link copy
10 : 77

وَإِذَا ٱلۡجِبَالُ نُسِفَتۡ

Igihe n’imisozi yanyitse; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 77

وَإِذَا ٱلرُّسُلُ أُقِّتَتۡ

Igihe n’Intumwa z’Imana zahawe umwanya wo kwagiriza abo zarungitsweko; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 77

لِأَيِّ يَوۡمٍ أُجِّلَتۡ

Ni ku musi uwuhe zirindirijweko kubagiriza? info
التفاسير:

external-link copy
13 : 77

لِيَوۡمِ ٱلۡفَصۡلِ

Ni ku musi w’ubutungane ku biremwa. info
التفاسير:

external-link copy
14 : 77

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ

Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’ubutungane uwo ari wo? info
التفاسير:

external-link copy
15 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero. info
التفاسير:

external-link copy
16 : 77

أَلَمۡ نُهۡلِكِ ٱلۡأَوَّلِينَ

Mbega, ntitwahoneje abahakanyi b’aho hambere ku kubera igarariza ryabo ry’Intumwa! info
التفاسير:

external-link copy
17 : 77

ثُمَّ نُتۡبِعُهُمُ ٱلۡأٓخِرِينَ

Hanyuma Tubakurikiza abandi bakurikiye mu nyuma, bakagarariza nkabo! info
التفاسير:

external-link copy
18 : 77

كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ

Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tuzogira inkozi z’ikibi mu babangikanyamana b’i Makka bahakanye Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). info
التفاسير:

external-link copy
19 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa zayo, izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo. info
التفاسير: