Si nk’ukwo bicuza bavuga! Ahubwo ku musi w’izuka bazotomokerwa n’ukuri bahora banyegeza ku mutima bakiri kw’isi, ko Intumwa z’Imana zari iz’ukuri, n’aho batagaragariza nya kuri ababumvira bakabakurikira. Hamwe vyoshika bagasubizwa mu buzima bwo kw’isi bakabaho, ni ukuri bosubiye mu bugarariji no mu buhakanyi. Mu vy’ukuri, ukwicuza kwabo kuzoba ari uruhendo gusa.
Ubuzima bwo kw’isi kenshi na kenshi si ikindi kiretse ko ari ubufyinyi n’ubusamazi biterwa n’ibihendamaso vyayo. Ugukora ivyiza bitegetswe vyungura umuntu mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni vyo vyiza cane ku batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mbega bantu muhendwa n’ivy’isi! Ntimwogarura ubwenge ngo mutahure ko indishi iri ku Mana Allah ibarutira amaronko y’isi!
Ntumwa y’Imana! Burya Twebwe Allah Turazi neza ko wishwe n’intuntu itewe n’igarariza rigirwa n’abantu warungitsweko. Mu vy’ukuri, si wewe bagarariza kuko mu mitima yabo barazi ko uri Intumwa y’ukuri, ariko rero ku kubera akarenganyo n’urwanko, bagarariza Aayah n’ivyemezo bigaragara vyerekana ko uri Intumwa y’ukuri.