Ntumwa y'Imana! Iyi rero, ni yo nzira igororotse igana ku gushimwa n’Imana yawe Rurema Allah no ku Bwami bwayo. Ni ukuri, Twaratomoreye ivyemezo vy’ubwoko bwose abantu b’abanyabwenge bibuka bakikebuka;
Bafise icumbi ry’iteka n’itekane mu Bwami bw’ijuru bategekanirijwe n’Imana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, ni na Yo Muhagarikizi Ikaba n’Umutabazi wabo ku vyiza bahora bakora.
Ntumwa y’Imana! Ibuka ibizoshika ku musi w’izuka, umusi Imana Allah Yegeranirije hamwe abagarariji n’abahagarikizi babo mu mashetani, Igaca Ibabwira Iti: “Emwe mashetani mu majini! Ni ukuri mwarahubishije benshi mu bantu gushika n’aho babakurikira”, maze abayakurikiye mu bantu na bo bakavuga biregura bati: “Mana yacu Rurema Allah! Bamwe bose muri twebwe baragize ico biyunguye ku bandi, gushika ikiringo cacu ca nyuma Watugeneye kubaho kw’isi giheze”. Imana Allah Izoheza Ibishure Iti: “Umuriro, ni bwo buraro n’uburamuko bwanyu mwese, kiretse uwo Imana Allah Ishatse ko atazoherayo mu bigaba vy’abemeramana”. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose, Irazi indishi ikwiye umwe wese mu biremwa.
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dutuma amashetani ashobora kugota abagarariji mu bantu ku bugaba bwabo - Dutuma abirenganya mu kugabitanya ku Mana Allah bashobora kugota bamwe muri bo, bitewe n'ivyaha vy'ivyo bari bararondeye kw’isi;