Ntumwa y’Imana! Ubwo ntutangazwa n’abahakanyi baharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ukuntu bahusha ukuri bakayibangikanya!
Zazimanganiye hehe ko mwazibangikanya n’Imana Allah! Ubwo ntimwozisaba zikabakura mu kaga murimwo!”. Bazoheza bishure bati: “Zazimanganye nta n’ico zatumariye, ahubwo mbere tukiri kw’isi, twasenga ibintazi ata co bimaze”. Ni nk’uko rero Imana Allah - Yazimanganije ibigirwamana mu muriro udahera - Ihubisha abagarariji ku bugaba bwabo;
Ntumwa y’Imana! Niwirengagize rero ibangamira ry’ababangikanyamana, maze wihangane, uheze ushishikare irarikiramana, mu vy’ukuri isezerano ry’intsinzi wahawe n’Imana Allah, ni iry’ukuri, kandi Izorishitsa. Mu gihe rero Twokwereka mu buzima bwawe bimwe mu bihano Twasezeraniye ababangikanyamana, canke Tukakwica imbere yuko bashikirwa na nya bihano, ni kuri Twebwe Allah bazosubizwa ku musi w’izuka kugira Tubahanire ivyo bakoze.