அல்குர்ஆன் மொழிபெயர்ப்பு - கிருண்டி மொழிபெயர்ப்பு - யூசுப் கஹீதி

பக்க எண்:close

external-link copy
67 : 40

هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن تُرَابٖ ثُمَّ مِن نُّطۡفَةٖ ثُمَّ مِنۡ عَلَقَةٖ ثُمَّ يُخۡرِجُكُمۡ طِفۡلٗا ثُمَّ لِتَبۡلُغُوٓاْ أَشُدَّكُمۡ ثُمَّ لِتَكُونُواْ شُيُوخٗاۚ وَمِنكُم مَّن يُتَوَفَّىٰ مِن قَبۡلُۖ وَلِتَبۡلُغُوٓاْ أَجَلٗا مُّسَمّٗى وَلَعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ

Ni Yo Yaremye so Adamu mw’ivu; hanyuma abamwamutseko, Ibarema mw’ima ry’intanga umugabo asunikira mu gitereko c’umugore, maze nya ma rikibumba rikaba amaraso avuze; mu nyuma mugaheza mukagenda murakura bukebuke, gushika n’aho muvuka muri abana; hanyuma mukagenda murakura bukebuke gushika mugere mu bigero; hanyuma mukagera mu busaza. Muri mwebwe rero, hari n’abapfa imbere y’aho. Izo ntambwe zose z’ubuzima rero, Twazibagereye kugira mushike kw’isango nyezina rizwi ryo kuba kw’isi hanyuma muhwere, no kugira mutahure ivyemezo na Aayah vy’Imana Allah, muheze mumenye ko ata yindi mana ibwirijwe gusengwa itabangikanywa atari Yo; info
التفاسير:

external-link copy
68 : 40

هُوَ ٱلَّذِي يُحۡيِۦ وَيُمِيتُۖ فَإِذَا قَضَىٰٓ أَمۡرٗا فَإِنَّمَا يَقُولُ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ

Ni Yo Itanga ubuzima Ikanabwaka. Iyo rero Ishatse ikintu ko kiba, ni ukuri Ikibwira gusa Iti: “Ba” kigaca kiba ubwo nyene”. info
التفاسير:

external-link copy
69 : 40

أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ يُجَٰدِلُونَ فِيٓ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ أَنَّىٰ يُصۡرَفُونَ

Ntumwa y’Imana! Ubwo ntutangazwa n’abahakanyi baharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ukuntu bahusha ukuri bakayibangikanya! info
التفاسير:

external-link copy
70 : 40

ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِٱلۡكِتَٰبِ وَبِمَآ أَرۡسَلۡنَا بِهِۦ رُسُلَنَاۖ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ

Abahakana bivuye inyuma Qor’ani hamwe n’ibindi Bitabu Twarungikanye Intumwa zacu kugira birongore abantu mu nzira yacu, bitebe bitebuke, bazomenya inkurikizi y’ubuhakanyi bwabo; info
التفاسير:

external-link copy
71 : 40

إِذِ ٱلۡأَغۡلَٰلُ فِيٓ أَعۡنَٰقِهِمۡ وَٱلسَّلَٰسِلُ يُسۡحَبُونَ

Igihe baboheshejwe iminyororo mw’izosi, maze bakaboheshwa n’amapingu ku maguru, bagaheza bakabururwa n’abamalayika “Al-Zabaaniya” bacungereye umuriro; info
التفاسير:

external-link copy
72 : 40

فِي ٱلۡحَمِيمِ ثُمَّ فِي ٱلنَّارِ يُسۡجَرُونَ

Mu mazi asebuye akaryimara, hanyuma bakabata mu muriro wama wakijwe wa Jahannamu; info
التفاسير:

external-link copy
73 : 40

ثُمَّ قِيلَ لَهُمۡ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تُشۡرِكُونَ

Hanyuma bakabwirwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega imana zanyu mwahora musenga ziri hehe! info
التفاسير:

external-link copy
74 : 40

مِن دُونِ ٱللَّهِۖ قَالُواْ ضَلُّواْ عَنَّا بَل لَّمۡ نَكُن نَّدۡعُواْ مِن قَبۡلُ شَيۡـٔٗاۚ كَذَٰلِكَ يُضِلُّ ٱللَّهُ ٱلۡكَٰفِرِينَ

Zazimanganiye hehe ko mwazibangikanya n’Imana Allah! Ubwo ntimwozisaba zikabakura mu kaga murimwo!”. Bazoheza bishure bati: “Zazimanganye nta n’ico zatumariye, ahubwo mbere tukiri kw’isi, twasenga ibintazi ata co bimaze”. Ni nk’uko rero Imana Allah - Yazimanganije ibigirwamana mu muriro udahera - Ihubisha abagarariji ku bugaba bwabo; info
التفاسير:

external-link copy
75 : 40

ذَٰلِكُم بِمَا كُنتُمۡ تَفۡرَحُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَبِمَا كُنتُمۡ تَمۡرَحُونَ

Bagarariji! Ivyo bihano mwahawe rero, vyaturutse ku kugotwa kwanyu kw’isi mu kuryoherwa n’ibikorwa bibi mwakora, no ku kurangwa n’amanyama hamwe n’akarenganyo. info
التفاسير:

external-link copy
76 : 40

ٱدۡخُلُوٓاْ أَبۡوَٰبَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ فَبِئۡسَ مَثۡوَى ٱلۡمُتَكَبِّرِينَ

Bazobwirwa bati: “Ku kubera ubugarariji bwanyu rero, nimwinjire mu muriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera”. info
التفاسير:

external-link copy
77 : 40

فَٱصۡبِرۡ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞۚ فَإِمَّا نُرِيَنَّكَ بَعۡضَ ٱلَّذِي نَعِدُهُمۡ أَوۡ نَتَوَفَّيَنَّكَ فَإِلَيۡنَا يُرۡجَعُونَ

Ntumwa y’Imana! Niwirengagize rero ibangamira ry’ababangikanyamana, maze wihangane, uheze ushishikare irarikiramana, mu vy’ukuri isezerano ry’intsinzi wahawe n’Imana Allah, ni iry’ukuri, kandi Izorishitsa. Mu gihe rero Twokwereka mu buzima bwawe bimwe mu bihano Twasezeraniye ababangikanyamana, canke Tukakwica imbere yuko bashikirwa na nya bihano, ni kuri Twebwe Allah bazosubizwa ku musi w’izuka kugira Tubahanire ivyo bakoze. info
التفاسير: