Nta Ntumwa n’imwe Twarungitse atari ukugira ngo yumvirwe ku bubasha n’ubutungane bw’Imana Allah. Ntumwa y’Imana! Iyo rero abirenganije mu gukora ivyaha baza bakugana - ukiriho - kugira bigaye, baheze basabe Imana Allah imbabazi ku vyaha vyabo, maze Intumwa na yo ibasabire imbabazi ku Mana Allah, bari gusanga Imana Allah ari Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.